IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Umugambi wo gutera ibiti wiswe « Ewe Burundi urambaye » watangujwe

Umugambi wo gutera ibiti wiswe « Ewe Burundi urambaye » watangujwe

lundi 13 novembre 2017

Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 13 Munyonyo 2017, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, no gutunganiriza abahoze ku rugamba bufadikanije n’ibiro vy’umukuru w’igihugu , bwatanguje umugambi wo guteza ibiti mu gihugu cose.

Umukuru w’igisirikare General Prime NIYONGABO, avuga ko urwego arongoye rwitayeho gukingira ibidukikije.

« Urwego rw’igisirikare rurijukiye gukingira ibidukikije,twateye imivyaro irenga 100.000 mu mwaka wa 2016, tukaba twiteze gutera ibigera kuri 200.000 mu mwaka wa 2017. »

Gen Prime NIYONGABO avuga ko gukingira ibidukikije biri mu bikorwa vya minsi yose vy’igisirikare.

Muganga Sabine NTAKARUTIMANA, yaserukiye ibiro vy’umukuru w’igihugu, yamenyesheje ko mu gihe Uburundi bwugarijwe n’ikibazo c’igwirirana ry’abantu, amatongo akaba yaraze, gukingira ibidukikije coba igikorwa gishirwa imbere kugira isi ikingigwe.

« Irwirirana ry’abantu riri ku murindi munini, bigatuma isi ndimwa iba ntoyi kandi igatituka.Umugambi wo gutera ibiti uzofasha mu kubungabunga isi n’ibidukikije, hamwe n’ibinyabuzima biba mu mashamba ».

Célestin NDAYIZEYE,umushikiranganji w’ibidukikije asaba ko uwo mugambi atawowirengagiza, abarundi bose bakawufata mu minwe.

Ico gikorwa kikazofatwa mu mugongo na Reta y’Uburundi hamwe n’abasanzwe bafasha Reta.


Pacifique BUKURU

Messages

  • Ni igikorwa ciza cane.Ahubwo nasaba n’ubushikiranganji bw’indero bwikore ku banyeshure bo mumashure cane cane matomato kugira umwe wese atahane igiti aja gutera muhira.Vyarigeze kuba kera kandi vyaratanze ivyamwa.Umwana ariyumva neza atahanye igiti rwiwe kandi ategerezwa gukurikirana ingene gikura. No mu bisagara vyoshoboka

  • Uwo mugambi ngo witwa Ewe Burundi urambaye ?namba ari ukwambara umucafu,ubwicanyi,ubunyonyezi no kwica inzirakarengane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.