IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubushinwa : Bategetsi baragabisha ko bashobora kwihora igihugu ca Reta (...)

Ubushinwa : Bategetsi baragabisha ko bashobora kwihora igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika

jeudi 22 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ico gihugu c’Ubushinwa ,kivuga ko kitazorera amaboko uburenganzira n’inyungu zaco bihungabanijwe.

Iryo gabisha ry’umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe ubudandaji rishitse hasigaye amasaha make, umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump ,atangaze ayandi makori ku bidandazwa vy’Ubushinwa vyinjira muri Amerika.

Ubutegetsi bw’Ubushinwa busubiramwo ingingo yasohowe ku munsi wa gatatu n’ikigo kigenzura ubudandaji mpuzamakungu "World Trade Organisation" kivuga ko Amerika itashize ibikenewe vyose mu ngiro ku vyo yasabwe mu mwaka wa 2014, vyo kudashira amakori ku bidandazwa bimwe bimwe vy’Ubushinwa.

Ibigo bitandukanye vy’ubudandaji vyasavye umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, kwisubirako kuri ico ciyumviro co gushira amakori mashasha ku Bushinwa, basigura ko vyozana ingaruka mbi ku miryango.

Amakuru avuga ko,Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziteguye gushinga amakori y’amahera azoshika ku miriyardi 60 z’amadorare y’abanyamerika,ku bidandazwa vy’Ubushinwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.