IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutariyano : Umukuru w’igihugu yashizeho umushikiranganji wa mbere (...)

Ubutariyano : Umukuru w’igihugu yashizeho umushikiranganji wa mbere adahurizwako na bose

mardi 29 mai 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, umukuru w’igihugu yanse kwemera urutonde rw’abagize Reta, rwatanzwe n’imigambwe ibiri Five Star na The League-yatorewe kurongora Ubutariyano.

Umushikiranganji wa ,mbere Carlo Cottarelli, asanzwe ari umuhinga muvy’ubutunzi , akaba kandi yahora akorera mu kigega mpuzamakungu gitunganya ivy’amafaranga kw’isi FMI.

Naho adashobora guteba muri ico kibanza, Carlo Cottarelli avuga ko ari iteka yatewe kugenwa muri ico kibanza, ariko mu nani zihurikiye mu migambwe yitwa Five Star na The League, bamaze kumenyesha ko batagiye kumwemera, ni yashikanwa mu nama nshinga mateka.

Ku ruhande rwiwe, Carlo Cottarelli , yavuze ko hamwe vyogenda ukwo azoca atanga imihoho.

Mur’ico gihe amatora adasanzwe yoca atunganywa mu kwezi kw’umunani. Ivyo navyo nivyo iyo migambwe yifuza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.