Ubuyapani : Umwami Akiheto yemerewe gutanga imihoho.

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 3 juin 2017 saa 11:13
Yasomwe : 4770
0 0

Itegeko ryemerera umwami w’Ubuyapani Akiheto gutanaga imihoho ryaremejwe n’inama nshingamateka y’ico gihugu kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 ruheshi umwaka wa 2017.

Iradiyo BBC imenyeshako umwami Akiheto yamenyesheje igihugu ciwe mu mwaka uheze wa 2016 ko ashaka gutanga imihoho kuko amagara amukitse.

Inama nshingamateka ikaba yemeje iryo tegeko kuri uyu wa gatanu inyuma yaho inama nshikiranganji y’Ubuyapani itoye iryo tegeko ica irirungika mu nama nshingamateka ngo iryemeze .

Iryo tegeko rikazoja mu ngiro mu ndwi iza rihejeje kwemezwa n’inama nkenguzamateka, aho bitegekanijwe ko niyo yatanga imihoho azoca asubirirwa n’umuhungu wiwe,umuganwa Naruhito .

Mwomenya ko hari haheze imyaka ishika 200 ata mwami atanze imihoho aho mu gihugu c’Ubuyapani , uwaheruka gutanga imihoho akaba yari umwami Kokaku yatanze imihoho mu mwaka w’1817 .


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha