Ubwongereza : Abasirikare 4 bagirizwa iterabwoba bafashwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 6 Nyakanga 2017 saa 09:49
Yasomwe : 4140
0 0

Igiporisi co mu gihugu c’Ubwongereza caraye gifashe abasirikare bane bo muri ico gihugu bagirizwa gukora ibikorwa vy’iterabwoba hamwe n’uko boba ari abayoboke b’umugwi ugira ku vyiyumviro vy’iki "Nazi" witwa "National Action".

Igisirikare c’aho mu Bwongereza kiremeza ayo makuru ko abo basirikare bafashwe kandi kikavuga ko gishigikiye ico gikorwa cakozwe n’igiporisi c’igihugu.

Umuvugizi w’igisirikare yamenyesheje ko kuri ayo matohoza yakozwe n’igiporisi ko igisirikare ata vyinshi afise yoshikiriza ku vyerekeye abo basirikare.

Amakuru atangwa n’igipolisi c’Ubwongereza avuga ko abo basirikare batawe muri yompi vyateguwe hisunzwe amakuru yatanzwe ko ata kintu na kimwe cabaye cotuma umutekano w’abanyagihugu udurumbana.

Abo basirikare bose uko ari bane bafungiwe mu gasho ko muri West Midlands, bakaba bagizwe n’uwufise imyaka 22 ava i Birmingham, uw’imyaka 32 w’i Powys, uw’imyaka 24 aturuka i pswich hamwe n’uw’imyaka 24 ava i Northampton.

Tubibutse ko umugwi "National Action" ugizwe n’abantu batipfuza ko haba ibihinduka mu gihugu c’Ubwongereza, ukaba waratewe ivyatsi n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati Amber Rudd mu mwaka uheze.

Umunywayi canke uwushigikiye uwo mugwi ahanishwa umunyororo w’imyaka 10.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha