IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Uganda : Kaminuza ya Makelele yugawe

Uganda : Kaminuza ya Makelele yugawe

mercredi 2 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Kaguta Museveni wa Uganda yugaye Kaminuza ya Makerere, imwe mu zikomeye muri ico gihugu, ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukingira abantu n’ibintu.

Nk’uko bibonekera mw’itangazo yateyeko umukono kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 1 Munyonyo 2016, umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni yavuze ko ashingiye ku bubasha ahabwa n’ibwirizwa shingiro, mu ngingo yaryo ya 26, agace ka kabiri, mu kigabane kivuga ibigenga kaminuza n’ayandi mashure, Kaminuza ya Makelele yugawe ku mpamvu zihutirwa, kandi ko izokwugururwa habanje gutangwa ayandi mategeko.

Umukuru w’igihugu Museveni afashe iyo ngingo inyuma y’imyiyerekano yari imaze iminsi ikorwa n’abanyeshuri bo muri iyo kaminuza, biyamiriza imfungurwa bahabwa, bakavuga ko ari mabi.

Ico gihe abanyeshuri bagira iyo myiyerekano, baramenaguye inzugi n’amadirisha y’ivyumba vy’inzu y’uburiro, bamenagura ibikombe n’amasahani.
Abanyeshuri 15 baciye birukanwa.

Mu mwaka w’2014, Kaminuza ya Makerere yari yafashe ingingo y’ukutakutazongera kugaburira abanyeshuri bigira ku mfashanyo ya Reta.

Kuri uwu wa kabiri, iyo myiyerekano y’abanyeshuri yarabandanije, haba ugushamirana hagati y’abanyeshure bariko batera amabuye, hamwe n’abajejwe umutekano bariko batera ivyuka bikoroza amosozi kugira basanzaze abari mu myiyerekano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.