IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Uganda: Sentare ya gisirikare yakuye ibirego vyagirizwa Bobi (...)

Uganda: Sentare ya gisirikare yakuye ibirego vyagirizwa Bobi WINE

Thursday 23 August 2018, by vianney

Bobi Wine yagirizwa kugira uruhara mu kumena ibiyo vy’imodoka vy’umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta MUSEVENI akaba amaze ikiringo c’indwi afunzwe.

Ugufatwa kwiwe akongera agafungwa hamwe n’abandi banyeporitike vyatumye haduka indyane muri poritike murico gihugu mu kiringo c’indwi yose.

Igihe yafatwa igisirikare ca Reta cakoresheje amasasu mu gushwiragiza abariko bakora imyiyerekano ikomeye umuntu umwe ahasiga ubuzima abandi barenga 100 naba barafatwa.

Ejo ku musi wa gatatu uheze, abanyeshuri bo muri kaminuza ya Kyambogo bafashe ingingo yo guhagarika ivyigwa bavuga ko bazosubira kwiga umukuru w’igihugu arekuje Bobi Wine hamwe na bagenzi we.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.