Umugambwe APDR uvuga ko ico uzotora mw’ibwirizwa nshingiro kizova mu nama nkuru yawo

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 24 avril 2018 saa 12:47
5160
0 0

Umugambwe APDR umenyesha ko ico abanywanyi b’uwo mugambwe bazotora mu matora yimirije y’ibwirizwa nshingiro ryahinyanyuwe kizova mu ngingo izofatwa mu nama kaminuza izobahuza n’abarongozi bawuserukira ku rwego rw’intara.

Umukuru w’umugambwe APDR, Gabriel BAZAWITONDE, amenyesha ko biteguriye kuzoja kwigisha ico bazotora muri ayo matora naho ikibazo c’uburyo kitazoborohera kuko bari bipfuje gukorera mu ntara zose.

Gabriel BANZAWITONDE avuga ko zimwe mu ngorane bashobora guhura nazo ari izijanye n’uburyo kuko bari bipfuje gukorera mu gihugu cose.

Uwo arongoye umugambwe APDR avuga kandi muvyo bategekanya ari ugukorera mu ntara zose kugira abanywanyi bawo bose bazohimirizwe kuco bazotora.

JPEG - 33.8 ko
Gabriel BANZAWITONDE, umukuru w’umugambwe APDR

Ukwiyamamariza amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro bizotangura kw’igenekerezo rya 1 bihere kurya 14 Rusama 2018, nkuko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha