IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ushigikiye ibiganiro bikomeza intwaro (...)

Umugambwe CNDD-FDD umenyesha ko ushigikiye ibiganiro bikomeza intwaro rusangi

mercredi 23 mai 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste NDAYISHIMIYE, yamenyesheje ko ibiganiro ngirakamaro ari ibiza bizamura ubutunzi, birondera kwisununura kw’abanyagihugu.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yavuze kandi ko ivyo biganiro vyofasha abarundi kurondera ingene umwimbu wokwongerekana, ingene akazi kokwongerekana, kugira abarundi baronke ivyo basabikanya.

Yisunze itorwa ry’ibwirizwa nshingiro, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yamenyesheje ko ari intambwe ikomeye mu ntwaro rusangi, ari naco gituma n’abanyeporitike mu biganiro vyoba hagati yabo, vyoba ivyo gukomeza intwaro rusangi.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, yavuze ko inyuma y’itorwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha, abanyepolitike boca bafata ingingo, yo gusubira kwicarana vuba kugira ngo batunganye inzira izodushikana ku matora ya 2020.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Akaba karabaye, ibipfa vyarapfuye ! Urwo rurimi rwiza ngo "ibiganiro" ko mutarukoresheje imbere y’ivyo mwita ngo ni amatora ? Amakungu yarabinginze ngo muje mubiganiro none ko mubonye ingaruka mbi y’ivyo mwakoze mutanguye gutakamba kuko habavye, bose bavyiyamirije.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.