IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe CNDD FDD wagiriza Urwanda urupfu rwa NTARYAMIRA na Petero (...)

Umugambwe CNDD FDD wagiriza Urwanda urupfu rwa NTARYAMIRA na Petero NGENDANDUMWE

vendredi 6 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, bamenyesha ko uretse Cyprien NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri bagandaguriwe mu gihugu c’Urwanda, n’Umushikirangoma wa mbere w’Uburundi, Petero NGENDANDUMWE yagandaguwe n’umunyarwanda kandi yaravyiyemereye, nk’uko bivugwa na CNDD FDD.

Uwo mugambwe wibutsa ko no mu mwaka w’2015, abatembagaje inzego baciye baja kwinyegeza mu gihugu c’Urwanda kugirango ubutungane ntibubakurikirane.

Umugambwe CNDD-FDD usaba Reta y’Urwanda gukurikiza amategeko mpuzamakungu yashizeko umukono cane cane kureka gukingira ikibaba abarundi baronderwa n’ubutungane.

ITANGAZO RY’UMUGAMBWE CNDD-FDD RIJANYE N’UKWIBUKA IGANDAGURWA RYA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU CYPRIEN NTARYAMIRA

Imyaka 24 irarangiye, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Cyprien NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri ba Reta y’Uburundi Bernard Ciza na Cyriaque Simbizi bagandaguriwe mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Kuri iryo genekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, indege barimwo yari isanzwe irerura umukuru w’igihugu c’Urwanda Juvénal Habyarimana yatewe igisasu ca missile abarimwo ntanumwe yarokotse kukaba nkako cari igitero categuwe neza.

Iryo gandagurwa rya Perezida Cyprien Ntaryamira ryari mu rukurikirane rwo kunigira mu menshi demokarasi mu Burundi,kuko ryashitse haciye amezi atanu gusa nyenicubahiro Melchior Ndadaye n’abo bafashanya kurongora igihugu bagandaguwe bunyamaswa atacamira, amakungu arorera.

Kuri iri genekerezo ni akaryo ko kwibuka kugirango akahise kadufashe gutegura kazoza.

Biratangaje kandi birateye agahinda kubona gushika kuri iri genekerezo ubutungane ataco burakora. Ivyo rero bigakora mu nkovu abarundi mu gihe bimaze kwibonekeza ko ivyama bikora mu nda abarundi biza biva mu Rwanda.

Aha twokwibuka ko, uretse Nyenicubahiro Cyprien NTARYAMIRA n’abashikiranganji babiri bagandaguriwe mu gihugu c’Urwanda, n’Umushikirangoma wa mbere w’Uburundi, Petero NGENDANDUMWE yagandaguwe n’umunyarwanda kandi yaravyiyemereye. None no mu mwaka w’2015 twariboneye twese ko abatikije inganda bakanatembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu baciye baja kwinyegeza mu gihugu c’Urwanda kugirango ubutungane ntibubakurikirane. Ico gihugu n’uno munsi nico kiguma cinjiza mu gisirikare caco urwaruka rw’impunzi.

Dufatiye kuri ivyo vyose,

Umugambwe CNDD-FDD urongeye guhoza abarundi bose, n’imiryango yabuze ;

Mu gihe Uburundi buri mu nzira nziza y’ukumenya ukuri kuri kahise n’ukunywanisha Abarundi ni ngombwa ko imvo n’imvano y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Ntaryamira n’abashikiranganji barikumwe imenyekana, gurtyo twubake igihugu atagukangarizako ;

Umugambwe CNDD-FDD urasavye ushimitse Reta y’Uburundi kubandanya gukurikirana ivyaha vyose bigayitse Urwanda rwagizemwo uruhara kugira ngo ukuri kuje ahabona, ubutungane bukore, abagirwa n’ivyo vyaha bakubitwe intahe mu gahanga, bongere batange indishi y’akababaro ku miryango yabuze ;

Umugambwe CNDD-FDD urasavye kandi Reta y’Uburundi kwitwarira igihugu c’Urwanda mu masentare yaba ayo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, ayo mu Bumwe bwa Afrika mbere n’amasentare mpuzamakungu ku mabi yose igihugu c’Urwanda cakoreye Uburundi harimwo n’igandagurwa ry’indongozi nk’Umushikirangoma Petero NGENDANDUMWE, Perezida Cyprien NTARYAMIRA n’abandi bagandaguwe n’ico gihugu ;

JPEG - 42.6 ko
Iryo tangazo ryateweko umukono na Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Umugambwe CNDD-FDD uhamagariye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kwishura ku birego igihugu c’Uburundi carituye ku bijanye n’amabi igihugu c’Urwanda cakoze kandi kibandanya gikorera Uburundi, aho twovuga nko guha ibirwanisho abagize imigumuko mu gisagara ca Bujumbura bagahekura Abarundi batari bake muri 2015 ; ugucumbikira inkozi z’ikibi zarwanije ishaka ry’abenegihugu mu gutembagaza inzego bitoreye, kugirisha imyimenyerezo ya gisirikare n’uguha ibirwanisho impunzi ziganjemwo urwaruka no kuziroha guhangana n’igisirikare c’igihugu c’Uburundi gizanzwe kizwi ko ari bitumwako mu makungu ;

Umugambwe CNDD-FDD usavye ushimitse Reta y’Urwanda kurekura abarundi bahungiyeyo yagize imbohe kandi bashaka guhunguka. Iyo Reta itegerezwa kandi gutanga umuco ku barundi b’imiyabaga bari bahungiyeyo bavuye mu gihugu ca Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo, babuzwe irengero, ababo bakaba babandanya basaba ko borekurwa mu gihe vyemezwa ko bajanywe ku nguvu mu mirwi irwana.

Umugambwe CNDD-FDD uhamagariye indongozi z’igihugu c’Urwanda na cane cane umukuru w’igihugu Paul KAGAME guhagarika ingendo igayitse yihaye yo kudurumbanya umutekano w’igihugu c’Uburundi kubera imvo azi wenye ubwiwe;

Umugambwe CNDD-FDD urasavye ushimitse Reta y’Urwanda gukurikiza amategeko mpuzamakungu yashizeko umukono cane cane kureka gukingira ikibaba abarundi baronderwa n’ubutungane. Ka muyobozi w’ishirahamze ry’Ubumwze bwa Afrika, yari akwiye kwerekana uburongozi nyabwo agatunganiriza Uburundi nk’uko atunganiriza ibindi bihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe ;

Umugambwe CNDD-FDD urangije rino tangazo usaba abarundi kurema ukongera ugahamagarira abarundi bose kuzokwitabira amatora y’bwirizwa nshingiro muri Rusama 2018 kugirango twitegurire kazoza k’igihugu mu kugitunganya.

Bigiriwe i BUJUMBURA,

Igenekerezo rya 5/04/2018

Evariste NDAYISHIMIYE

UMUNYAMABANGA MUKURU


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Hahhah, ibyo tubyita gusetsa imikara cyangwa gucurangira abahetsi.

  • Ibi babyita kwanduranya!!

  • Emwe nunva arihatari none niba babagiriza ubwo bwicanyi boba bafise icemeza kwaribo babagandaguye ?ni hatari kabisa.

  • bambwirire mutama nubwo umenga kagama bimugoye bikiriko

  • Noneho mwasaze mba ndoga musinga

  • Uwo avugira uwo mugambwe ni kuki atahanuye S.E.Ntaryamira kugira ntace mu gihugu c’abakeba? Yari yagiye he? Ahubwo nawe nyene arakwiye kwisigura. Hari n’aho wosanga abifisemwo uruhara, kuko urumva ko n’ivyabaye imbere ya Ntaryamira abiz, kuko ntiyari yicaye.

  • Ariko uburundi mufite ibihe bibazo koko?! mukomeze muyibye abaturage banyu ngo ibibazo byose mufite bishingiye ku Rwanda ?! wapi rwose ibibazo byanyu ni ibyanyu ntaho duhuriyeho namwe rwose twe duhugiye mu kubaka igihugu cyacu .

  • Abaturage b’uburundi rwose muragowe kuyoborwa ni ishyaka rimeze gutya ririmo abayobozi bafite ibitekerezo biri hasi gutya?? politique yanyu iteye agahinda gusa??!harya mumaze igihe kingana iki ku butegetsi?? mwabuze iki ngo mutange ikirego???mufite ibihe bimenyetso?? hari iperereza mwakoze?? ahubwo mwahisemo gucumbikira interahamwe mbese mwe ko mwamenyeshejwe amazina y’abarundi bakoze genocide mu Rwanda mwabakozeho iki??ntibidegembya aho ari inkoramaraso,,?? mureke kujijisha abaturage banyu.

  • Nivyukuri birababaje kuburizwamwo Uwawe atamvo yumvikana ihari nicogituma hokomezwa kugwanira kwiyamiriza ako kabi kabisje kubishoboka twizere ko Imana Umurenganuzi Wa Bose Arinawe Yatumye Dushika aho Turi unomunsi nivyo turimwo ko Azo dushitsa kuntumbero Yacu Nitwa Biyi Zeza.

  • Ese NTARYAMIRA n’abo bashikiranganji be nta ndege yabo bari bafise?Cyangwa se bazaga mu RWANDA niho iwabo?Uwo Evariste NDAYISHIMIYE avuga ngo ni u Rwanda rwabiciye prezida afite ibimenyetso ?None bananiwe gufata abishe NDADAYE kandi na nubu bidegembya?

  • Ese NTARYAMIRA n’abo bashikiranganji be nta ndege yabo bari bafise?Cyangwa se bazaga mu RWANDA niho iwabo?Uwo Evariste NDAYISHIMIYE avuga ngo ni u Rwanda rwabiciye prezida afite ibimenyetso ?None bananiwe gufata abishe NDADAYE kandi na nubu bidegembya?

  • Uburundi buheruka indongozi zisobanutse kera. Koko chef we. Ukaja aho ukabeshera u Rwanda ! Sinzi ico iryo jambo rihatse. Gusa sibyiza pe!

  • Va kumacuho ngo ni CNDD

  • Jewe aba DD nkeka baracanganyikiwe,none uwo baririra ngo ni Ntaryamira yaja mu Rwanda gukorayo iki?namba nawe yari mubo DD ivuga ko bishe Abarundi?yaco muhenda abanyagihugu ,erega turabizi ko ari ishari mufitiye u Rwanda na President warwo

  • Akamaramaza!! Ambassade y’u Burundi mu Rwanda le 7-4-2018 nibo bonyene badugije i drapeau nk’ibisanzwe mugihe izindi Ambassades zose zikorera i Kigali badugije gushika hagati kubera ikigandaro ca Genocide de Tutsi!CNDD yarerekanye ko ari les negationistes

  • ngo ishakaryabene burundi?(nibande)murababaj kweli!ngo ntaryamira?yananiwe gutaha i buja kgli yarigiye gukora iki?muriko musaza imigeri akanyu kashitse?mbe uwobabaza aho ntaryamira ari naba generales batari bake iyo mwabashize mwoberekana?Imana yonyene niyo izobihanira kuko uwokubita imbwa yohera kuri mwebwe.Mugabo muri guhenda nyakarundi atazi iyo aja niyo ava

  • Abanyarwanda turabazi ko muri abicanyi. Amanyanga mukora turayazi. Ariko tuko bega kwa bega! Nta mutaru muzodusimbana. Burundi si Congo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.