IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe UPRONA winjiye inyubakwa "RWAGASORE CONFERENCE HALL"

Umugambwe UPRONA winjiye inyubakwa "RWAGASORE CONFERENCE HALL"

mercredi 16 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu mugambwe UPRONA bavuga ko iyo nzu y’amanama "RWAGASORE CONFERENCE HALL" izokwakira abantu bo mu migambwe yose bipfuza kuhagirira imanza.

Abel GASHATSI, umukuru w’uwo mugambwe agira ati : "Abazoza muri iyo ngoro, abazohagirira inama hamwe n’abazokira kuri ivyo bibuga, ntibazoba ari Abadasigana ba UPRONA gusa, ni Abarundi bose."

Umugambwe UPRONA ukwije umwaka wose urongowe na Abel GASHATSI yatowe mw’ikoraniro ryabaye kw’igenekerezo rya 14 Myandagaro 2016. Uwo mwaka ariko uheze uwo mugambwe ukigizwe n’amashami abiri. Ishami rimwe rirongowe na Abel GASHATSI yemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’irindi shami rirongowe na Evariste NDAYIMPENDA atemewe n’ubwo bushikiranganji.

Abel GASHATSI avuga ko ukwiyunga kw’ayo mashami abiri kuri mu migambi yihaye, akavuga ariko ko mu kurindira, uwo mugambwe ubandanya mu guhera hafi, ku banyamugambwe bo mu gihugu hagati. Uwo akwije umwaka aramutswa umugambwe UPRONA avuga ariko naho imibonano iba, urwo ruhande rundi rusa n’urukwega ibirenge.

"Turabonana, tukavugana, mugabo turabona ko ku mvo izi canke ziriya ntibahuta babanguka. Ushobora gusanga barafashe iyindi nzira. Mbega boba barafashe y’ukwigumira mu Mizero y’Abarundi, canke mu kuja mu wundi mugambwe? Abo tuzobareka bagende."

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba n’umukuru w’inama nkuru y’imboneza mu mugambwe UPRONA, arashimira urwego nyobozi rw’uwo mugambwe, akavuga ko kuva mu mwaka w’1991 uwo mugambwe urongowe na Nicolas MAYUGI, ata nyubako n’imwe y’indi y’umugambwe yari bwaboneke. Arakeza Abel GASHATSI kuri iyo nzu y’amanama hamwe n’ibibuga yubakishije. Muri ico kiringo c’umwaka giheze, Gaston SINDIMWO yahaye Abel GASHATSI hamwe n’abo bafashanya mu burongozi amanota 98 kw’ijana.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abo ni abasavyi ntakinini umuntu yobazigako mungorane zihanze abarundi. mugabo nobahanura kumenya neza ko bakoranana na DD. Mwibuke Dr Jean MINANI akigira FRODEBU NYAKURI ingene bamuninahaje, mwibuke NDITIJE Charles aho yatwara Umugambwe ingene bari bacuditse na DD, none ubu bageze he? Babita gute ndabapfinze ? (Ngo Mujeri: iryo naryo tuzi ko ari izina ry’igikoko kandi kigayitse(Akabwa ka ntambaga kandi kasaze donc kadakomeye !!!). Namwe rero ntimuje aho ngo mukoma amashi abatutsi benewanyu n’abana babo bariko bicwa abandi bangazwa ngo nikubera ivyo murya. Muramenya terrain muriko mukinirako mwibuka n’amaraso y’abarundi iyo mandat y’ubusuma yasheshe nanubu itaraheza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.