Umubabaro udasanzwe ku bakunzi b’umugwi nserukiragihugu w’Ubutaliyano

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 14 Munyonyo 2017 saa 09:26
Yasomwe : 7713
0 0

Inyuma y’aho unganirije n’igihugu ca Suède 0-0, mu rukino rw’ibanze bakaba bari batsinzwe 1-0, umugwi nserukiragihugu w’Ubutaliyano, Squadra Azura, ntuzoshobora kw’itaba igikombe c’isi yose co mu Burusiya mu mwaka w’2018.

Ni umubabaro uvanze n’agahinda ku bakunzi b’umurwi w’Ubutaliyano, aho unganirije n’igihugu ca Suède ku munsi wa mbere igenekerezo rya 13 Munyonyo mu gisagara ca Milan, ku kibuga ca San Siro, mu nkino z’amajonjora. Hari haheze imyaka 60 ico gihugu kidasivye mu gikombe c’isi yose.

Anne Le Nir, umumenyeshamakuru yakurikiranye urwo rukino avuga ati : « Mfise imyaka irenga mirongo ine, kuva mvuka n’ubwa mbere mbonye Ubutaliyano budakinye igikombe c’isi yose. Ni umubabaro ku bakunzi b’umupira w’amaguru, twizere ko ari akaryo ko guhindura vyinshi mu murwi nserukiragihugu»

Mu gihe mu rukino rw’ibanze umurwi wa Suède wari watsinze igitsindo 1-0, urukino rwo gusubiriza ntirworoheye abataliyano kubw’ukuzibira cane kw’abakinyi bose ba Suède gushika ku musatirizi. Umukinyi kizigenza w’Ubutaliyano, Gianluigi Buffon, afise imyaka 40 akaba yaciye amenyesha ko mugaragaro ko ahagaritse ibijanye no gukina umupira w’amaguru, akaba yari yakinye inkino 175 asamira umurwi nserukiragihugu w’Ubutariyano. Yitavye ibikombe vy’isi yose bigera kuri 5.

Umumenyereza Giampiero Ventura yarasavye imbabazi abakunzi b’umupira w’amaguru, bikanugwanugwa ko ashobora gukomborwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha