Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuhuza asabwa gutumira ku rugero rungana impande zegwa n’ikibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umuhuza asabwa gutumira ku rugero rungana impande zegwa n’ikibazo (...)

Umuhuza asabwa gutumira ku rugero rungana impande zegwa n’ikibazo c’Uburundi

mercredi 22 novembre 2017

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 22 Munyonyo 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ryanezerejwe no kubona ibiganiro hari haheze amezi yababa icumi vyarahagaze bigiye gusubira kuba I Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ryagumye ryibutsa ko gusubira mu biganiro vyihutirwa, kuko hari abarundi baba abari mu gihugu canke abari hanze babandanya kumererwa nabi.

Ishirahamwe OLUCOME risaba ibiro vy’umuhuza gutumira mu biganiro vyimirije abegwa n’ikibazo c’Uburundi vy’ukuri, kuko ataho vyabonetse ko mu gihe c’ukutumvikana, umwe mu batumvikana asaba kuganira n’uwo ashatse.

JPEG - 52.4 ko
Gabriel RUFYIRI,umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta ryipfuza ko inyuma y’ibiganiro ,ibiro vy’umuhuza vyokorera kuvyo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike azoba yashikirije, mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibaz c’Uburundi.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko muvyoca bikorwa ari uguhagarika amabi akorwa n’imvugo zityoza, guhagarika ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro, guhagarika ibikorwa vy’umurwi CVR,guhagarika amategeko abuza abantu guhurira mu mashirahamwe,guhagarika imitahe mpuzamakungu yarungikiwe bamwe mu banyaporitike bahunze igihugu n’ibindi .

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rirangiza risaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, hamwe n’abazokwitaba ibiganiro gusaba Reta ko yokingira kandi ikarekura mu maguru masha ata gisabwe ,abanywanyi b’amashirahamwe ACAT, PARCEM na APRODH bapfunzwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.