Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Umukenyezi mwirimizi mu Burundi yashikirije Reta ibibazo afise
Umukenyezi mwirimizi mu Burundi yashikirije Reta ibibazo afise
vendredi 20 Gitugutu 2017, par
Muri iryo huriro ryabereye mu kigo ndangakaranga c’i Bujumbura, uwuserukira abakenyezi birimizi yamenyesheje ko umukenyezi mwirimizi afise akamaro kanini mw’iterambere ry’urugo n’igihugu. Uwo aserukira abakenyezi birimizi avuga ariko ko ingorane zitabuze mu mirimo yabo ya minsi yose.
"Ahanini umukenyezi mwirimizi niwe arima, ariko hari igihe arima akabura udufaranga tw’ukugura imbuto, canke akabura ifumbire. Abakenyezi birimizi batari bake baherukira kurima, hageze kwimbura abagabo bakagurisha umwimbu bitwaza ngo naho barimye ntibarimye kw’itongo rya se."
![](local/cache-vignettes/L672xH448/dsc_0148_resized-68f60.jpg?1550828298)
Abo barimyi bavuga kandi uburimyi bwonyene butoshobora gutunga imiryango mu Burundi, nk’uko vyari kera.
"Urudandazwa ruto ruto rurafasha mu kwunganira uburyo kw’ukubaho kw’imiryango."
Umwe mu bakenyezi birimizi bo mwishirahamwe “Nawe nuze” wo mu ntara ya Karuzi arashima ihimbazwa ry’uwo munsi mpuzamakungu wabahariwe, kuko ari akaryo keza ko guhura n’ukuganira ku bibazo bihari
“Umusi wahariwe umukenyezi mwirimizi ni ngirakamaro kuko waduhaye akaryo ko guhura n’abandi bakenyezi birimizi bo mu mihingo itandukanye kugira twungurane ubwenge.”
![](local/cache-vignettes/L672xH448/dsc_0150_resized-22c1b.jpg?1550828298)
Uwuserukira abakenyezi birimizi asaba Reta gufata mu mugongo amashirahamwe y’abakenyezi birimizi no kubafasha kuja kurahura ubwenge hanze y’igihugu. Yongeye asaba amabanki n’amashirahamwe atanga ingurane ko yogabanya inyungu kugira boroherwe kuronka amadeni.
Felix NGENDABANYIKWA, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ugushigikirana yamenyesheje ko Reta izobandanya gushigikira umukenyezi mwirimizi, agasaba abo bakenyezi kwijukira n’iyindi myuga, nk’ubworozi bw’ibitungwa, gushona, n’ibindi.
![](local/cache-vignettes/L672xH448/dsc_0127_resized-285f9.jpg?1550828299)
Huguette NKURUNZIZA