Umukuru w’Inama Nshingamateka yuguruye ibikorwa vyayo vy’igice ca gatatu c’umwaka

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 2 Gitugutu 2017 saa 02:06
Yasomwe : 8730
0 0

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA amenyesha ko mu gihe abashingamateka bari mu karuhuko kabo batareze amaboko kuko bashoboye kwifatanya n’abanyagihugu mu bikorwa vy’iterambere n’ibindi bikorwa vyatunganijwe mu nzego zitandukanye.

Yugurura ibikorwa vy’inama nshingamateka mu gice ca gatatu c’umwaka wa 2017,Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yavuze ko igiye kubandanya igikorwa cayo co gutora amategeko hamwe no kugenzura ibikorwa vya Reta.
Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yamenyesheje ko integuro z’amategeko 16 arizo zizokwigwa zongere zemezwe n’abashingamateka kandi zimwe muri izo zamaze gushika mu mirwi yamaho mu nama nshingamateka.

Muri izo nteguro z’amategeko zizokwigwa zongere zemezwe n’abashingamateka harimwo nk’integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka uza wa 2018,integuro y’itegeko mpanavyaha,integeko y’itegeko rigenga ingene imanza zicibwa,integuro y’itegeko rigenga itunganywa n’ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ugenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC,integuro y’itegeko rigenga amasoko ya Reta.

Pascal NYABENDA umukuru w’inama nshingamateka yavuze kandi ko mu karuhuko abashingamateka bari bamazemwo ukwezi hahimbajwe ku ncuro ya cumi umunsi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi,naho nyene hari abashatse kuyihungabanya mu mwaka wa 2015.

Yasiguye avuga ati:’’Intwaro rusangi ni igihe hatunganywa amatora atawe akumira kandi akama aba uko ikiringo giheze. Uwu mwaka twahimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi ku ncuro ya cumi, naho hari abashatse kuyihungabanya.’’

Pascal NYABENDA ntiyibagiye gushimira abanyagihugu ku gikorwa co gukingira intwaro rusangi bakora. Yavuze ati:’’ Ndashimiye abanyagihugu ku twigoro bagira n’ishaka ryo gukingira intwaro rusangi.’’

Yarangije yibutsa ko abanyagihugu bafatanye mu nda kandi ata nyungu n’imwe bokura mu ntambara.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha