Amatora mu Rwanda na Kenya : NKURUNZIZA yakeje Kenyatta

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 10 août 2017 saa 12:58
Yasomwe : 48024
0 0

Mu gihe hakiri ibiharuro vy’imfatakibanza mu matora y’umukuru w’igihugu yabeye mu gihugu ca Kenya kuwa kabiri igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yamaze gukeza umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta ari imbere mu majwi.

Abicishije ku muhora wiwe wa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yanditse avuga ati : « Kw’izina ry’abarundi bose, ndakeje umukuru w’igihugu yatowe Uhuru Kenyatta hamwe n’abanyagihugu ba Kenya. Twizeye kubandanya imigenderanire mu gihe kiri imbere. »

Umurwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya washikirije ko Uhuru Kenyatta afise amajwi 54,32 kw’ijana mu gihe Raila Odinga bahiganwa afise amajwi 44,80 kw’ijana.

Mu kiringo kidashika indwi, habaye amatora y’umukuru w’igihugu mu bihugu bibiri vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko arivyo Kenya n’Urwanda. Mu gihugu c’Urwanda hatsinze Paul KAGAME. Inyuma y’iyo ntsinzi ya Paul KAGAME, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA ntaramukeza nk’uko yabigiriye mugenzi we wa Kenya.


Kumenyekanisha

1
Ntukamazina 11-08-2017 à 09:50

Hhahahah Akamaramaza,mbe Peter akeza uwo comission y’amatora ya Kenya itaremeza ?ntibiramenyekana nimba hatorwa Uhuru canke Odinga,aho yarazi ngo agize ibintu vy’ubwenge ?ubujuju gusa,gushanuka bibi cane

2
NYABENDA MANWERI 10-08-2017 à 22:45

AMAHORO NYAKUBAHWA PEREZIDA PETERO NKURUNZIZA TURAGUSHIMIYE UKUNTU UKEJE BAGENZAWE KUNTSINZIBARONSE MURAKOZE.

3
chachachagie 10-08-2017 à 15:07

none ngaho ingorane zirihe none gukezaUHURU sidroit yiwe.akeza uwo ashaka.mbe mumbonera aho president w’ uburundi yatsinda Kagame yaramukeje ?ba mureka kuduza inkuru cane mutabanje kwiyumvira !

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha