Umukuru w’igihugu yatanze iyindi ntererano y’amatora ya 2020

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 2 avril 2018 saa 03:01
Yasomwe :
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, yatanze intererano yo gushigikira amatora yo mu mwaka wa 2020, y’amafaranga imiriyoni zine z’amarundi, mw’ibanki nkuru y’igihugu, igisata gikorera mu ntara ya Ngozi.

Iyo nteraro umukuru w’igihugu yatanze n’iya kabiri, kuko yari yatanze iya mbere ingana n’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi, kw’igenekerezo rya 7 Myandagaro 2017, mw’ibanki nkuru y’igihugu, igisata gikorera mu ntara ya Ngozi nyene.

Iyo ntererano y’amatora ya 2020, ishirwa kuri konte inomero 1110/267 yuguruwe mw’ibanki nkuru y’igihugu.

Ibisata bitandukanye vy’igihugu, kuva ku nama nshingamateka, inama nkenguzamateka, n’ubushikiranganji butandukanye, biramaze gutanga iyo ntererano y’amatora.

Désiré MUSHARITSE avugira ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, mu kiganiro abavugizi b’inzego baremesheje mu ntara ya Gitega, kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, yavuze ko amafaranga y’amatora yari amaze gutangwa yagera hafi ku miriyaridi zibiri n’imiriyoni amajana abiri mu mafaranga y’amarundi, kandi ko abantu babandanya gutanga.


Kumenyekanisha

1
J.paul 5-04-2018 à 02:51

Nivyiza guterera amatora

2
Livingstone Bazahica 3-04-2018 à 19:30

Ranac Nukuvuga Iki ?

3
ntirandekura selemani 3-04-2018 à 10:41

mutama wacu guma kwivora turagushigikiye tukurinyuma

4
GAGAZA 2-04-2018 à 19:45

MUTAMA TUKURINYUMA,GUMAKWIVORA.

5
Kabingo dora 2-04-2018 à 19:39

Uwo mukuru wigihugu yatanze ayandi mafaranga agasakisaki nikuberiki ? Ahubwo atanze make kuko Ayo aronka mu giturire Ni menshi

6
Niyukuri mkombozi 2-04-2018 à 17:36

Komera se barundi yes agufashe kuvyo mukora vyose turabakeje kandi nubu turacabakeza kandi muratunezerej

7
Mahoro 2-04-2018 à 15:27

None ko umengo ntibirekuweko umukuru w igihugu akora Ku mahera !Vyoba arivyo ? Mudutohoreze muce mumutubariza igituma yoba atavyubahirije.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha