IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umukuru w’igihugu yuguruye umwaka w’ubutungane 2017-2018

Umukuru w’igihugu yuguruye umwaka w’ubutungane 2017-2018

vendredi 22 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ijambo ryiwe, umushikirizamanza kizigenza wa Republika y’Uburundi, Sylvestre NYANDWI yamenyesheje ko ubutungane mu Burundi atari urwigano, kuko butaje ku ntwaro z’abazungu, ariko bwamyeho kuva na kera na rindi kuri basogokuruza.

Yisunze icivugo c’umwaka w’ubutungane 2017-2018 kivuga giti : ’’Ubutungane bwugururiwe bose, uruhara rw’amasentare n’izindi nzego z’ubutungane’’, umushikirizamanza kizigenza wa Republika yibukije ko ubutungane bwugururiwe bose, bisigura guha umwe wese ivyo afitiye uburenganzira, ivyo arekurirwa n’amategeko kandi ukabimukingiramwo.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yavuze ko umuntu avuga ko hari ubutungane bwugururiwe bose mu gihe abantu baba bazi uburenganzira bwabo, ivyo barekurirwa n’amategeko, mu gihe kandi abantu bamenya kandi batinya amategeko, uwagiriwe n’icaha agahanwa, uwukeneye gutunganirizwa agashikira bitagoye inzego z’ubutungane, akaronswa uwumuburanira kandi akaburana mu rurimi yumva.

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yamenyesheje nawe ko umwaka w’ubutungane uheze wa 2016-2017 waranzwe n’umwimbu mwiza, kuko imanza nyinshi zaciwe, amategeko agenga ingene imanza zandikwa nayo arakurikizwa.

Naho hari amasentare atunganya neza ibikorwa vyayo ku buryo bushimishije, umukuru wa sentare ntahinyuzwa yamenyesheje ko hari ayandi masentare yagendewe na sentare ntahinyuzwa yibonekejemwo udukosa duke duke.

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’ubutungane yamenyesheje ko mu mwaka uheze w’ubutungane, yavuze ko ubutungane bwakoze ibikorwa vyiza kuko bashoboye kugabaniriza ingendo abanyagihugu aho bonyene bishikiye ku rubuga, imanza zategerezwa gushirwa mu ngiro canke gucibwa birakorwa.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA yavuze ko abapfungwa 5468 barekuwe bivuye ku kigongwe c’umukuru w’igihugu, bifashijwemwo kandi n’umurwi wamaho uraba abapfungwa bakwije ibisabwa kugira barekurwe.

Aimée Laurentine KANYANA yamenyesheje ko ibikorwa vyagenze neza bisunze indinganizo bari bihaye, muri iyo ntumbero nyene imanza 64 kw’ijana Reta yaburanye mu gihugu yarazitsinze, mu gihe imanza 20 zose Reta yaburanye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yazitsinze.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko uwu mwaka w’ubutungane ari akaryo ku bacamanza ko kugenzura ivyaranguwe no kuraba intumbero bihaye, no kuzirikana uruhara rwabo mu buzima bw’igihugu.

Petero NKURUNZIZA umukuru w’igihugu arashima urugero ubutungane bugezeko mu kurwanya igiturire, akaba yizeye ko mu mwaka w’ubutungane wa 2017-2018 abazotunganirizwa bazoba benshi gusumba abo mu mwaka uheze.

Umukuru w’igihugu akaba yaciye atanga ubushimwe ku bacamanza n’abakozi bo mu bushikiranganji bw’ubutungane bakoze ibikorwa bishimishije mu mwaka w’ubutungane 2016-2017, ubwo nabwo zari impapuro z’iteka n’akabahasha.

Ivyo birori vyari vyitabwe n’umukuru w’Inama Nshingamateka, ivyegera vy’umukuru w’igihugu, abashikiranganji bamwe mu bagize Reta y’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’intwazangabo mu gisirikare n’igiporisi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Abakurakuranwe mu gushikiriza ivyaranguwe n’urwego bw’ubucamanza mbona bivugiye ibibanezereza, mugabo ntibacisha mu kanwa ibibazo nyamukuru bihanze urwo rwego. Hari imanza nyinshi caane bama bavuga ko ubutungane buriko burakwirikirana ariko abanyagihugu ntibamenye iyo vyahereye. Birababaje kumva ngo udukosa (si n’amakosa) tumwe tumwe twaribonekeje mu gihe hariko havugwa ko ihohoterwa ry’ikirimwa muntu riba mu Burundi atacamira.

  • Ndabaramukije amahoro . Nashaka nshimire bimwe bivuye k’umutima uwu mumenyeshamakuru MUGISHA biraboneka ko yize umwuga wo kumenyesha amakuru nfatiye ku buryo yandika n’ingene ashikiriza inkuru. Ndasavye uwutwara ikinyamakuru azomushirireko k’umushahara akantu kugira abandanye akora neza nkuko abikora. Nimba bikunda yombwira igisata yize n’urupapuro rw’umutsindo afise. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.