Gabriel BANZAWITONDE arongoye umugambwe APDR avuga ko inama iriko ihuza abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko ishobora gutuma haba ibihinduka muri poritike y’Uburundi, ivyo navyo bikagira ingaruka k’ubutunzi bw’igihugu, kuko poritike itameze neza n’ubutunzi buca bugoyagoya.
Ku bijanye n’ibiganiro bihuza abarundi, Gabriel BANZAWITONDE avuga ko, ariwo muti, kandi bitegerezwa kubandanya aho vyobera hose, kuko ikibazo atari ikibanza vyoberamwo, ariko ikibazo ari icoganirwako.
Kubwa Gabriel BANZAWITONDE, mu mugambwe arongoye nta kizobuza ko bitaba ibiganiro hamwe batumiwe, nk’uko bamye bitaba mu gihe cose batumiwe.
Nibaza y’uko uwo avugira umugambwe APDR yabivuze atarumva ko Leta y’Uburundi yamaze gushikiriza ko Mkapa yamubwiye ko yahejeje akazi kiwe, ko na cheque bazamaze kumusinyira !