Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umumenyereza wa LLBS4A ababazwa no kuba umurwi amenyereza utafashwe mu (...)
Umumenyereza wa LLBS4A ababazwa no kuba umurwi amenyereza utafashwe mu mugongo
lundi 12 février 2018
Emmanuel BANKUWIHA, batazira Mayele, umumenyereza mukuru w’umurwi LLBS4A avuga ko umurwi wiwe utigeze uronswa uburyo bwo guha abakinyi (Frais de mission), akavuga ko abakinyi bagize ingorane zitari nke zivuye kukudafatwa mu mugongo.
Mayele yavuze ati :« Urukino rwaduhuje na Rayon Sport ntirwatworoheye.Twagize kuva I Bujumbura dutevye bivuye ko hari ivyagoranye kugira dushobore kugenda, twongera tugira ingorane y’ukutaronswa uburyo (Frais de mission).Si icoroshe kuva mu gihugu ukaja mu kindi ata buryo na bukeyi waronkejwe kandi umurwi wari ugiye gutera iteka igihugu. »
Umumenyereza w’umurwi LLBS4A avuga ko abarundi basanzwe bazi gukina umupira w’amaguru ,rero ko batari bakwiye gufatwa nabi nk’uko bimeze uno munsi.
Avuga ati :« Abana b’abarundi bafise umupira mu maraso.Urukino rutaraba, bose bavuga ko tuza gutsindwa vyinshi, ariko ntivyabujije ko tunganya, bakaba bagiye kugombora igitsindo mu minota ya nyuma.Naho twakinye dufise ibibazo, nticabujije ko twigenza neza. »
Mu gihe urukino rwo gusubiriza ruzoba kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Mayele avuga ko LLS4A ishobora kugira ingorane itogize bivuye ku kudafatwa mu mugongo n’abari bafise ayo mabanga.
- Emmanuel BANKUWIHA Mayele, amenyereza umurwi LLBS4A
Umumenyereza Mayele asaba ko batofatwa minenerwe kuko baronse intsinzi itaba ari iy’umurwi gusa, ahubwo aba ari igihugu cose giteye intambwe.
Umurwi wa Rayon Sport ukaba urimwo abakinyi batari bake bakinira umurwi nserukira gihugu nka Shassir NAHIMANA,Pierre KWIZERA, na Hussein Chabani batazira Chabalala ari nawe yatsinze igitsindo co kugombora hasigaye iminota 7 ngo urukino rurangire.
BUKURU Pacifique
Messages
13 février 2018, 17:22, par Bukuru Prudent
Babahe uburyo batsinde kbs
14 février 2018, 18:48, par Dumbuli
Abotegerejwe gufata mu mugongo uyu murwi babigire n’ingoba tubandanye