IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > FOOTBALL > Umumenyereza w’intamba z’abatarenza imyaka 23 avuga ko biteguriye neza (...)

Umumenyereza w’intamba z’abatarenza imyaka 23 avuga ko biteguriye neza urukino ruzobahuza n’igihugu ca Tanzaniya

Wednesday 14 November 2018, by vianney

Mu kiganiro umumenyereza w’intamba mu rugamba zitarenza imyaka 23 yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kabiri igenekerezo rya 13 Munyonyo 2018,Joslin BIPFUBUSA yavuze ko kubona umumenyereza mukuru atariho akaba ariwe ariko amenyereza abatarenza imyaka 23 ataco bitwaye kuko ubu ariwe ariko arawumenyereza nk’umumenyereza mukuru .

Joslin BIPFUBUSA yavuze ati : « nsanzwe ndi icegera c’umumenyereza w’abatarenza imyaka 23 nico gituma baciye bampa kuyimenyereza kuko uwundi yajanye n’abakinyi bagiye mu rukino ruzobahuza n’igihugu ca Sudan y’Epfo ,ntakibazo kihari kuko narabakwirikiranye kuva mu ntango z’imyimenyerezo yose.»

Uwo amenyereza intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 avuga kandi ko umukenyuro bakoresheje mu gushikana abatarenza imyaka 20 mu gikombe ca Afrika c’abatarenza 20 ariwo bakoresha mu rurwo rukino rwejo kuko ico barondera ari itsinzi ibaronsa uburenganzira bwo kubandanya inkino zitegekanijwe.

K’uruhande rw’umumenyereza w’umurwi w’abatarenza imyaka 23 w’igihugu ca Tanzaniya Bakari SHIME yamenyesheje abamenyeshamakuru ko bakoze imyimenyerezo kugira bitegurire urukino rw’ejo ruzobahuza n’Uburundi ariko urukino rutazokoroha kuko umurwi w’igihugu c’Uburundi usanzwe uhagaze neza.

Bakari SHIME avuga kandi ko abakinyi bamwe b’umurwi w’Uburundi babazi kuko harimwo abakinira muri Tanzaniya bizotuma ruba urukino rw’abakinyi bazinanyi ariko kubwabo biteguye bihagije kugira urukino rw’ejo ruzobagendere neza ndetse batahukane intsinzi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.