Incamake

Umurundikazi yatowe kuja mu rwego nshingwabikorwa rw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino muri Afrika

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 mai 2018 saa 09:11
15765
0 0

Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi, Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kuba mu biro nshingwabikorwa vy’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru b’inkino ku rwego rwa Afrika.

Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kur’uno wa kabiri, igenekerezo rya 8 Rusama 2018,mu nama igira 81 y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru b’inkino ku rwego rwa Afrika, yabereye i Brixelles ku murwa mukuru w’igihugu c’Ububirigi.

Liliane NSHIMIRIMANA yatowe kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga 2017.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB, niwe mu kenyezi wa mbere yatowe kurongora iryo shirahamwe mu Burundi.


Kumenyekanisha

1
MUNYANEZA DIEUDONNE NORBERT 11-05-2018 à 07:58

TERA IMBERE TERA IMBERE. NCUTI.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha