IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umurundikazi yemeza ko yavyaranye na Diamond Platnumz

Umurundikazi yemeza ko yavyaranye na Diamond Platnumz

dimanche 24 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umwigeme yiyita Jessica ku rubuga rwa instagram, ni umurundikazi afise imyaka 24 y’amavuka. Avuga ko amahasa yiwe y’abakobwa yavyaranye na Diamind afise imyaka ine (4ans).

Uwo mwigeme avuga ko yatanguye kuryamana na Diamond ubwa mbere igihe uwo muririmvyi yariko akora "Vidéo" y’ururirimbo "Najuwa" yakoranye na Lolilo. Aho hari mu ntango z’umwaka w’i 2012, iyo vidéo Jessica abonekamwo ikaba yasohotse mu mwaka w’i 2013.

Amakuru dukura ku kinyamakuru kiri ku muhora www.eday.bi, avuga ko iyo nda yavutsemwo amahasa, Jessica yayitwaye mu ntango z’umwaka w’i 2013 igihe Diamond yaza mu giteramo mu Burundi. Jessica ati :"Aya mahasa yanje nayavyaranye na Diamond Platnumz igihe yantera inda mu mwaka w’i 2013. Twahuye igihe yaza mu giteramo mu Burundi. Uwo munsi, igiteramo giheza yatumye umwe mu batamvyi biwe azwi kw’izina rya Mafya kuntora maze anjana mu cumba c’i hoteli aho Diamond yari. Naragiye ndamusangayo."

Ku mafoto yerekana ku rubuga rwa instagram, Jessica yemeza ko hamwe Diamond yobihakana yiteguye kugirisha ibipimo vya ADN kugira ukuri kuje ahabona. Agira ati : "Gushika ubu nta birezo vy’abana arampa canke ngo amfashe kubarera. Namba yoba yibaza ko mbesha, nditeguriye kugirisha ibipimo vya ADN kugira vyerekane neza ko abana ari aba Diamond. Ibi sindiko ndabivuga kugira ndonke inyungu n’imwe canke ngo menyekane, ibi ni ukuri kandi ukuri kwose kurafise ingene kuja ahabona."

Jessica abandanya kwemeza ko Sandra Sanura Kassim, nyina wa Diamond azi neza ko bavyaranye amahasa n’umuhungu wiwe. Arongera ati : "Diamond, ndagusavye ubwire abantu ukuri. Canke basi undungikire itike y’indege nze muri Tanzania dukoreshe ibipimo vya ADN. Nawe Sandra Sanura, urazi neza vyinshi hagati ya jewe n’umuhungu wawe."

Uwo mukobwa avuga ko Diamond adashaka kumufasha kugira bagirishe ibipimo, yiteguriye kuja muri Tanzania. Ayo makuru akavuga ko Jessica ategekanya gufata urugendo rwo muri Tanzaniya kuri uwo wa mbere igenekerezo rya 25 Nyakanga 2017.

Ku rubuga rwa Instagram, Jessica arerekana ko yoba yaragerageje kubwira Diamond, uwo nawe akabihakana nk’aho womenga ntanamuzi. Muri ico kiyago bagiranye, Jessica yoba yariko amusaba ibirezo.

Jessica abandanya rero anagiriza, Zari Hassan, yahoze akundana na Diamond Platnumz ko yoba yaramwiciye urubuga rwiwe rwa instagram aho yari afise abakurikirana bagera ku bihumbi amajana ane na mirongo itanu (450,000), kugira azimanganye ivyo bandikiranye na Diamond. Akababazwa n’uko Zari yari umugenzi wiwe gushika aho amenyeye ko afise inda ya Diamond agaca atangura kumurwanya n’ubugenzi burahera.

Tubibutse ko Jessica abaye umukobwa wa mirongo ibiri na kane (24) avuze ko yavyaranye n’umuririmvyi Diamond. Ikindi twobibutsa n’uko hari haheze iminsi mikeyi Hamissa Mobeto avyaye umwana w’umuhungu bivugwa ko yavyaranye na Diamond.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.