Umurwi CENI wamenyesheje isango ryo kwandika abazokwitaba amatora mu mashini nyabwonko

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 février 2018 saa 06:04
10185
0 0

Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora mu Burundi CENI umenyesha ko igikorwa co kwandika mu mashini nyabwonko abazokwitaba amatora kizotangura kuwa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi CENI, ico gikorwa kizotangurirwa no gutanga inyigisho ku bazokwandika mu mashini nyabwonko, kizoba kuwa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora mu gihugu cose no hanze y’igihugu caheze kuwa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018, naho habonetse abari bakirondera amakarata karangamuntu.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu 2018.


Kumenyekanisha

1
Eric David 19-02-2018 à 22:11

Ni Vyiza Cne N’igikogwa Nkenegwa Kugihugu Na Canecane Ko Abatorewe Gukora Icogikogwa Batowe Kumugaragaro Kandi Hagiyemwo Umuco Mwinshi Cane

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha