Umurwi CENI washinze igitigiri c’abazotorera ku biro vy’itora

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 avril 2018 saa 08:56
12720
0 0

Umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI, umenyeshako ibiro vy’itora vyose biri mu gihugu, bitazorenza abantu 550 babitoreramwo, mu gihe c’itora ryo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Nkuko biri mw’itegeko ry’umurwi CENI ryashizweko umukono n’abagize uwo murwi, umurwi CENI umenyesha ko wasohoye iyo ngingo wisunze itegeko rya CENI rishinga igitigiri c’abatora mu matora y’ibwirizwa nshingiro.

Mu rindi tangazo ry’umurwi CENI ryo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018, umurwi CENI uhamagarira abipfuza kuba mubagize ibiro vy’itora kwiyandikisha.

Umurwi utegura amatora CENI, umenyesha ko bategerezwa kuba ari abarundi, biyandikishije kugira bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, kuba bari bamaze kubikora, kuba imvukira canke kuba mw’ikomine ushaka gukoreramwo, kuba kandi ufise imyaka 18 y’amavuka.

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2017.


Kumenyekanisha

1
Bizoza samuel 17-04-2018 à 18:06

OYA TWEHO ABASHOMERI. TWARIGOREWE. NNE UWUTARABIKORA VYOMUNANIRA. EREGA SUGUTORA ISUKA. RABA MUKADUHE. APANA NGO UWUMAZE KUBIKORA.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha