Accueil > Amakuru > umutekano > Umuryango w’umurundi yapfiriye mu Buganda usaba amatohoza
Umuryango w’umurundi yapfiriye mu Buganda usaba amatohoza
lundi 5 mars 2018
Amakuru ava mu gihugu c’Ubuganda, aho Pascal HAKIZIMANA yapfiriye, amenyesha ko, Pascal HAKIZIMANA yagiye gutembera kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2018, nk’uko vyahora ahejeje akazi, mu muryango w’abanyenkore.
Ayo makuru amenyesha ko, bumaze kugoroba, abantu bataramenyekana, bamutagereye baramukubita gushika naho akomereka bamusiga ari intere, ari naho abarengana bamutora bukeye kw’igenekerezo rya 3 Ntwarante 2018, bamujana mu bitaro aho yitabiye Imana.

Cassien NZOMWITA umuvukanyi wa Pascal HAKIZIMANA agira ati : « Dukeneye ko Reta y’Ubuganda yodufasha gukora amatohoza ku rupfu rw’uwacu twabuze tutanka kuko umubabaro n’agahinda nivyo vyuzuye mu muryango wacu. »
Cassien NZOMWITA, asaba Reta y’Uburundi hamwe n’abagiraneza, gufasha kugirango ikiziga c’umuvukanyi wabo Pascal HAKIZIMANA gitahukanwe mu Burundi.
Pascal HAKIZIMANA w’imyaka 27 akaba yavuka ku musozi wa Nyarubavu, Komine Giheta, mu ntara ya Gitega.
Oscar NDAYISHIMIYE