Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru yatanguje uruganda rw’inyigisho ku bamenyeshamakuru

Yanditswe na IGIHE
Kuya 29 October 2018 saa 12:49
14310
0 0

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru hamwe n’ibimenyeshamakuru Frederic NAHIMANA yatanguje kuruno wa mbere igenekerezo rya 29 Gitugutu 2018 uruganda rw’inyigisho ku bamenyeshamakuru ruzomara imisi 2 mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro kubijanye nuyo mwuga.

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura ivyo bikorwa bizomara imisi ibiri,umushikiranganji Frederic NAHIMANA yamenyesheje ko ari akaryo kadasanzwe kubakorera mu mwuga wo kumenyesha amakuru kugira bahanehane ivyiyumviro mu ntumbero yo guteze imbere umwuga wo kumenyeshamakuru kugira bifashe mw’iterambere ry’igihugu.

Murizo nyigisho bimwe mu vyigwa vyagiye birashikirizwa bijanye nuko inkuru zoronswa abazirondera vyoroshe hamwe nuko imbuga ngurukanabumenyi zokoreshwa neza n’abamenyeshamakuru mu gutanga amakuru ku gihe.

Iruhande y’umushikiranganji wo kumenyeshamakuru,ivyo bikorwa vyitabwe n’umunyambanga mukuru wa Reta Prosper NTAHOGWAMIYE hamwe n’umukuru w’urwego rujejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora Nestor BANKUMUKUNZI.


Kumenyekanisha

1
My bad 7-11-2018 à 02:37

Nyakubahwa ivyo ukora vyose niba ata ngingo zirwanya igiturire na ka mwana wa mama ,ubutungane bwawe bugeze kure.Woba wibaza ko ari guhuguza ariko hamwe wobaririkiriza neza utishinze rapport baguha wobona ukuri .Igiturire caramunze ubutungane.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha