IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushingamateka Térence MANIRAMBONA arahakana ivyo yagirizwa

Umushingamateka Térence MANIRAMBONA arahakana ivyo yagirizwa

jeudi 18 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Babiri bo muri uwo murwi uvugwa ko ukorana n’umushingamateka Térence MANIRAMBONA mu guhungabanya umutekano baheruka kurekurwa n’ubutungane inyuma y’amezi atandatu bari bamaze bapfunzwe. Mu gihe bari basubiriye kwitaba ubutungane nk’uko bari babisabwe, baciye basubira gutabwa muri yompi. Uwo mushingamateka yarabavugiye, asaba ko namba hari ico bagirizwa bobandanya kwitaba ubutungane bidegemvya, kuko nk’uko yabishikishikirije, bari bamaze ayo mezi yose bapfunzwe kandi ubutungane buterekana ico cagirizwa.

Mu vyashikirijwe n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE yavuze ko uwo mushingamateka yabashigikiye, avuga ko ari abanywanyi b’umugambwe wiwe bariko barahohoterwa. Térence MANIRAMBONA asigura ko yabavugiye nk’uko yovugira uwundi muntu wese, kuko ku bwiwe bisanzwe biri mu mirimo ajejwe y’umushingamateka.

"Ni irementanya ndiko ndakorerwa, kuko nk’umushingamateka bishobora gushika ivyo mvuga hakaba abo bidashimisha."

PNG - 115.2 ko
Umushingamateka Térence MANIRAMBONA

Uwo mushingamateka avuga ko yasavye gusa ko borekurwa namba atakibagira.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cafashe abagizi ba nabi batanu bitwaza inkoho mu guhungabanya umutekano, kw’itegeko ry’umushingamateka Térence MANIRAMBONA wo mu runani rw’Abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI, yatowe mu ntara ya Gitega, akaba ayoboka RWASA Agathon, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi.


NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.