IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Urukino rwa Volley rwo ku musenyi rurateye imbere

Urukino rwa Volley rwo ku musenyi rurateye imbere

mardi 27 Munyonyo 2012

Mu mahiganwa mpuzamakungu y’urukino rw’umupira w’amaboko ukinirwa ku musenyi iruhande y’ikiyaga, u Burundi busigaye butwara ikibanza ciza. Ariko ntiruzwi na benshi.

Uwurongoye urwo rukino muri Afirika y’u buseruko, Louis Rwakiranya avuga ko u Burundi bwaronse amanota menshi mu mahiganwa yabereye muri Gabon mu nkino zo gutegura inkino z’isi yose. U Burundi kandi bwabaye ubwa gatatu mu nkino zabereye muri Nigeria, aho ntitwokwibagira ko bwatwaye igikombe ca Afirika mu mahiganwa yabereye muri Togo yahuje abana batarashikana imyaka 20.

Uyo mumenyereza yamenyesheje kandi ko hariho n’abakinyi basanzwe bakinira mu bibindi bihugu nka Uganda kandi ngo nabo nyene bahagaze neza mu rukino.
Nk’uko abandanya abivuga, ngo hariko harategurwa amahiganwa azohuza ibihugu vy’akarere mu kwezi kwa Kigarama uyu mwaka kandi ngo ashobora kubera mu Burundi.

Amenyesha kandi ko hagiye gushirwaho imigwi myinshi y’urwo rukino. Afatira ku mahiganwa yabereye hagati mu gihugu muri komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba hamwe no mu Rumonge mu ntara ya Bururi. Kandi ngo amahiganwa agenda neza hagti mu gihugu.

Muri iyo ntumbero u Burundi bwararonse infashanyo yo guteza imbere urukino rwa Volley mu mashure yisumbuye gushika mu mwaka w’2015. Ngo bazofashanya n’ubushikiranganji bw’indero kugira abanyeshure benshi bazokwige gukina urukino rwa volley hamwe na volley yo ku musenyi. Ngo ninaho hazova abakinyi bakomeye kandi bakiri bato.

Aboneraho akaryo ko gusaba reta gushira uburyo bukwiye mu gisata c’inkino mu bushikiranganji bw’imico kama n’inkino.

Louis Rwakiranya aherutse kugenwa ngo aje mu mugwi w’abahinga mpuzamakungu b’ishirahamwe rya Volley kw’isi FIVB.
Ngo ni agateka k’u Burundi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.