IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Urwego CNC rusaba abajejwe intwaro gukorana neza n’abamenyeshamakuru

Urwego CNC rusaba abajejwe intwaro gukorana neza n’abamenyeshamakuru

samedi 24 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2018 Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA yamenyesheje ko hariho bamwe mu bamenyeshamakuru bagiha ijambo abaserukira amashirahamwe canke imigambwe itacemewe n’amategeko y’igihugu.

Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA yavuze ko urwo rwego mu nama rwakoze ku magenekerezo ya 22 na 23 rwasanze hariho imvugo ndenzarugero ikoreshwa muri kino gihe,abamenyeshamakuru batanga inkuru bashaka guhengama,hamwe n’ibimenyeshamakuru bihindura aho bisanzwe bikorera.

Uwo muvugizi akaba n’icegera c’urwego CNC akebura abamenyeshamakuru iyo bariko barakora ivyegeranyo atangwa n’amashirahamwe kwama bisunga ubuntu no kuraba ico ivyo vyegeranyo biba bishaka gushikako igihe cose bishikirijwe ku vyerekeye igihugu c’Uburundi.

Aimée Divine NIYOKWIZIGIRWA avuga ko ibimenyeshamakuru bitegerezwa kumenyesha urwo rwego ko bihinduye aho bikorera, kuko ari bimwe mu bisabwa kugira vyemererwe gukorera hano mu Burundi.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.