Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urwego rw’umuhuza rwakiriye abantu 4234 barwituye mu mwaka wa (...)
Urwego rw’umuhuza rwakiriye abantu 4234 barwituye mu mwaka wa 2017
mardi 27 février 2018
Mu gihe yariko ashikiriza ivyaranguwe n’urwego rw’umuhuza mu mwaka wa 2017, imbere y’inama nshingamateka,kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2018, umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA, yavuze ko igisata cavuyemwo abitura urwego rw’umuhuza kurusha ibindi ari igisata c’ubutungane, aho abituye urwego rw’umuhuza bavuye mu gisata c’ubutungane, mu mwaka wa 2017,baharurwa ku bice 40 kw’ijana.
Umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yamenyesheje ko ku babituye, hari bamwe amadosiye yabo yasozerewe, hakaba n’ayandi atakiriwe, kuko aba amaze gushika mu butungane, canke abituye urwego rw’umuhuza bakaba baterekanye neza ibirego.
Edouard NDUWIMANA yavuze ko hejuru y’ibikorwa vyo gutunganiriza ababitura, mu mwaka wa 2017, urwego rw’umuhuza kandi rwishikiye ku rubuga, ruratunganya inganda zo gukarihitiza ubwenge abakozi n’abandi, rurategura amanama ahuza abanyeporitike, ruratunganya kandi amahuriro n’abarundi baba mu mahanga.
- Edouard NDUWIMANA,Umuhuza w’abarundi
Umuhuza w’abarundi yamenyesheje abashingamateko ko, mu ntumbero yo gukomeza ibikorwa, mu mwaka wa 2018 bagiye gutunganya uko urwego rw’umuhuza rwokwegera abanyagihugu mu gutunganya aho rukorera mu ntara, bongere batunganye inganda zo gukarihiriza ubwenge abakozi b’urwo rwego.
Edouard NDUWIMANA , umuhuza w’abarundi,yavuze ko hakiri ibikenewe kugira urwego rw’umuhuza w’abarundi rutunganirize neza abanyagihugu barwitura.
Yavuze ati :« Hari abibaza ko urwego rw’umuhuza rubinjirira mu mirimo, hari abafata ubuzi nk’amatongo yabo, hakaba n’abandi aho bashinzwe amabanga baca bahindura ivyo bahasanze vyose. Ni vyiza ko umuntu ahindura ariko ku neza y’abanyagihugu. »
Abashingamateka bahavuye babaza ibibazo, aho bagarutse ku kibazo kijanye n’amakenga aboneka w’ikurikiranwa ry’ishirwa mu ngiro ry’ibiba vyavugiwe n’ibiba vyapfundikiwe mu biganiro bitunganywa n’urwego rw’umuhuza.
Edouard NDUWIMANA yishuye ati :« Urwego rw’umuhuza rurakurikirana ishirwa mu ngiro ry’ibiba vyavugiwe mu biganiro dutunganya. Akarorero ka hafi, ni gusubiza hamwe kw’umugamwe FNL Iragi rya Gahutu Remy, hamwe n’umugambwe FNL urongowe na Jacques BIGIRIMANA, vyavuye mu biganiro bihuza abanyeporitike twatunganije. »

Amategeko agenga urwego rw’umuhuza mu Burundi, ategekanya ko umuhuza w’abarundi atanga icegeranyo c’ivyakozwe mu mwaka imbere y’abashingamateka, akabishikiriza n’umukuru w’igihugu, rimwe mu mwaka.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 mars 2018, 14:26, par mfatirisigaye Regine
kemera