Uwahoze ari Buramatari wa Rio de Janeiro yakatiwe umunyororo w’imyaka 14

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 14 juin 2017 saa 11:45
Yasomwe : 2430
0 0

Uwahoze ari buramatari wa Rio de Janerio mu gihugu ca Brezil, Sergio Cabral Filho yakatiwe ugupfungwa imyaka 14, yagirizwa kwakira igiturire hamwe n’ukunyuruza amatunga ya Reta.

Sergio Cabral Filho muvyo yagirizwa bikomeye, ni ibiturire yasavye amashirahamwe ajejwe kwubaka kugira ashobore kuronka akarusho k’amafaranga menshi mu bikorwa yakora.

Abagiriza uwo yahoze ari Buramatari basaba ko n’umugore wiwe yorengutswa, ariko umucamanza akaba yamenyesheje ko ata vyagiriji bihari vyotuma Adriana Ancelmo, umugore wa Sergio Cabral Filho atumwako mu butungane.

JPEG - 35 ko
Sergio Cabral Filho, yahoze ari Buramatari wa Rio de Janeiro

Umucamanza Moro yamenyesheje ko Buramatari Sergio yanyuruje amafaranga y’amadorare agera ku bihumbi 813, ubutungane bwa Brezil bukavuga ko ayo mafaranga yamaze kuyakura ku bubiko bwiwe (Compte), mbere ubwo bubiko akaba yarabwugaye.

Sergio Cabral asanzwe ari mu mugambwe w’umukuru w’igihugu ca Brezil yafashwe mu kwezi kwa Munyonyo mu mwaka w’2016, mu gikorwa ciswe "Car wash" co gusuzuma abarya igiturire hamwe n’abanyuruza amatunga ya Reta. Abanyeporitike benshi hamwe n’abadandaza bakomeye bakaba barafashwe.

Sergio Cabral yatwaye intara ya Rio de Janerio ibiringo bibiri kuva mu mwaka wa 2007 gushika mu mwaka wa 2014.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha