IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Uwurongoye komine Nyabikere apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

Uwurongoye komine Nyabikere apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba

lundi 5 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Ayo makuru y’ipfungwa rya Léonidas Nakumuryango mw’ibohero rikuru rya Mpimba aremezwa na Agnès BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa, amenyesha ko yagirizwa ibiturire.

Amakuru dufise avuga ko Léonidas Nakumuryango yagirizwa imifuko y’isima yanyuruje, iyo nayo ikaba yari yagenewe kwubaka ikibuga c’umupira c’intara ya Karusi. Agnès BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa ntahakana ayo makuru, ariko akamenyesha ko ubu igipfunze Léonidas Nakumuryango, Musitanyeri wa komine Nyabikere ari amatohoza ku biturire yagirizwa.

Léonidas Nakumuryango ni umunywanyi w’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

JPEG - 81.3 ko
Impome z’ibihero rikuru rya Mpimba, i Bujumbura muri zone Musaga

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.