IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Imibano > Indero > Uwuserukira Ubuyapani yashikirije inyubako bubatse z’ishure nshingiro ya (...)

Uwuserukira Ubuyapani yashikirije inyubako bubatse z’ishure nshingiro ya Mutaho

Thursday 28 June 2018, by vianney

Mu birori vyo gushikiriza ku mugaragaro izo nyubako,Uwuserukira igihugu c’Ubuyapani mu Burundi,Miyashita TAKAYUKI yamenyesheje ko imigambi igihugu ciwe gishira imbere mu migenderanire yaco ari ibijanye n’indero kuko ico gisata arico rufunguruzo rwo kunagura ibijanye n’ubutunzi hamwe n’imibano.

Miyashita TAKAYUKI yasavye abanyeshure hamwe nabatuye aho ishure rya Mutaho ryubastwe kubungabunga neza izo nyubakwa kugira bizofashe guteza imbere ikomine yabo hamwe n’igihugu cose.
Buramatari w’intara ya Gitega Venant MANIRAMBONA yasavye abanyeshure gufata neza ayo mashure kugira bizobafashe kuronka umwimbu mwiza.

Buramatari wa Gitega yasavye abanyagihugu bari bitavye ivyo birori kuvyara abo bashoboye kurera nabo igihugu coshobora kurera kuko amashure yama yubakwa ku bwinshi ariko abayakenera bakaba benshi kubera kutavayara k’urugero.

Uwaserukiye ishirahamwe RECORD ryafashije kubaka izo nyubakwa z’iryo shure nshingiro,Evariste MANIRABONA yavuze ko bashize mu ngiro uyo mugambi w’igihugu c’Ubuyapani kuko amashure aza mu bintu vya mbere abanyagihugu bakenera

Ishure shingiro rya Mutaho rifise abanyeshure barenga 1700,inyubako igihugu c’Ubuyapani cubatse zatwaye amadorare arenga ibihunbi 87.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.