Zimbabwe : Emmerson Mnangagwa yatowe kurongora umugambwe Zanu-PF

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 décembre 2017 saa 07:12
7815
0 0

Abanywanyi b’umugambwe Zanu-PF uri ku butegetsi mu gihugu ca Zimbabwe, batoye umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa ngo arongore uwo mugambwe kandi abe ariwe azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka uza wa 2018.

Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa mw’ikoraniro riba rimwe mu mwaka, Emmerson Mnangagwa yavuze ko, mu gihe ariwe azoba arongoye umugambwe Zanu-PF, uwo mugambwe uzokwubahiriza politike ishingiye ku ntwaro rusangi ku burongozi bwiwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC,amenyesha ko Emmerson Mnangagwa yavuze ko umugambwe Zanu-PF ukwiye kwama uhiganwa mu matora yizewe, y’ukuri kandi arangwamwo umwidegemvyo.

Niryo koraniro rya mbere ry’umugambwe Zanu-PF ribaye kuva Robert Mugabe atanze imihoho, inyuma y’imyaka 37 ari ku butegetsi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha