Zimbabwe : Morgan Tsvangirai yabeshuje amakuru avuga ko aremvye

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 6 février 2018 saa 04:44
Yasomwe :
0 0

Mu gihe hari amakuru yaciye mu binyamakuru vy’igihugu muri Zimbabwe, yavuga ko uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Zimbabwe, Morgan Tsvangirai aremvye, yabeshuje ayo makuru, aho yavuze ko ababazwa n’abantu bavuga ko aremvye.

Abicishije ku rubuga rwa twitter, Morgan Tsvangirai w’imyaka 65 y’amavuka, akaba asanzwe agendana indwara ya Cancer,yavuze ko atiyumva neza ariko ko amagara atageramiwe nk’uko bivugwa.

Amakuru yaciye mu binyamakuru yavuga ko arwariye mu bitaro mu gihugu ca Afrika y’Epfo, abamwegereye bakaba bari bavuze ko amagara yiwe ameze nabi.

Mu makuru dukesha ikinyamakuru BBC, iyo ndwara ya Cancer Morgan Tsvangirai arwaye iriko iratuma ibintu bisa n’ibiyangara mu mugambwe wiwe, aho wariko witegurira guhiganwa mu matora n’umugambwe Zanu PF.

Umwe mubo mu muryango wiwe yashikirije ko amagara yiwe adatera imbere, ko ashobora no kuhasiga ubuzima, akavuga ko afise uburuhe bwinshi, akaba amaze guta ibiro bitari bike.

Morgan Tsvangirai akaba azwi nk’uwagwanyije cane kuva mu myaka ya 2000, intwaro ya Robert Mugabe aherutse gukurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kigarama kurangiye, Morgan Tsvangirai akaba yaraborejwe igufa yongera arapfungwa incuro nyishi ku butegetsi bwa Robert Mugabe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha