IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: ONU isaba reta y’ico gihugu kugarukana ituze mu gihugu

Zimbabwe: ONU isaba reta y’ico gihugu kugarukana ituze mu gihugu

Thursday 2 August 2018, by vianney

Amakuru dukesha BBC amenyeshako ishirahmwe mpuzamakungu ONU rifise impungenge hamwe n’ubwoba bivuye ku bikorwa vy’imyiyerekano vyatumye abantu 3 murico gihugu bapfa mu gihe abasirikare b’igihugu barasa abariko biyerekana.

Ayo makuru avuga ko ivyavuye mu matora y’abashingamateka muri Zimbabwe vyerekana ko umugambwe uri k’ubutegetsi wa Zanu-PF ariwo watsindiye intebe nyinshi ariko abatavugarumwe na Reta bavuga ko umugambwe Zany-PF wivye amajwi.
Urunani rw’imigambwe itavugarumwe na Reta ya Zimbabwe ruzwi nka MDC ruvuga ko uwaruserukiye mu matora Nelson Chamisa yatsinze umukuru w’igihugu ariho ubu Emmerson Mnangagwa naho ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu bitaramenyeshwa.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,Antonio Guterres yasavye abanyaporitike bose bo muri Zimbabwe gutekana.

Bimwe mu bihugu vya rutura vyamenyesheje ko mu gihugu hakwiye kuba ituze kuko Zimbabwe kigifise umwanya n’akaryo kugira ejo hazobe heza kurusha.

Amatora yatunganijwe mu gihugu ca Zimbabwe ku musi wa mbere w’iyi ndwi abaye amatora ya mbere ategekanijwe kuva uwahoze ari umukuru w’igihugu Robert Mugabe akuwe ku butegetsi mu mwaka uheze wa 2017.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.