IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umukuru w’igihugu Robert MUGABE yanse gutanga imihoho

Zimbabwe : Umukuru w’igihugu Robert MUGABE yanse gutanga imihoho

vendredi 17 novembre 2017

Ibiganiro vyabaye kur’uyu wa kane igenekerezo rya 16 Munyonyo 2017 bihagarariwe n’abashikiranganji babiri barungitswe na Jacob Zuma,umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, ahasanzwe haba umukuru w’igihugu, ku murwa mukuru Harare.

Amakuru dukesha urubuga rw’imboneshakure y’abafaransa France 24, amenyesha ko abasirikare bamwe babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ko Robert MUGABE ashobora kuba ariko arondera kuba aramara umwanya ku butegetsi.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta, Morgan Tsvangirai avuga ko ku neza y’abanyagihugu ,umukuru w’igihugu Robert MUGABE ategerezwa gutanga imihoho, hagaca haba intwaro nfatakibanza yotunganya amatora abaye mu muco.

Robert MUGABE amaze imyaka 37 atwara igihugu ca Zimbabwe, ariko kuva mu mwaka wa 2000 abanyagihugu batanguye kutamwumva neza kubera ikibazo c’ubutunzi cibonekeje mu gihugu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.