IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umukuru w’igihugu yashize ahabona urutonde rw’abanyuruje amatunga (...)

Zimbabwe : Umukuru w’igihugu yashize ahabona urutonde rw’abanyuruje amatunga y’igihugu

mardi 20 mars 2018

Amakuru dukesha iradiyo BBC, amenyesha ko ayo madorare yasahuwe yabitswe mu mabanke yo mu bihugu vyo hanze y’igihugu.

Emmerson Mnangagwa yamenyesheje ko amafaranga amaze kugarurwa mu gihugu angana n’amadorare imiriyoni 591, akaba yavuze ko ayo atangana n’icakabiri c’ayari yitezwe.

Bimwe mu bigo biri kur’urwo rutonde ni nk’ibigo bicukura amabuye y’agaciro muri ico gihugu nka African Associated Mines, Marange Resources, Canadile Miners, Mbada Diamonds, Jinan Mining, ivuriro ryitwa Ekusileni, hamwe n’abandi bantu bakomakomeye muri ico gihugu bagirizwa kunyuruza amafaranga bokongera bayabika mu gihugu c’Ubushinwa.

Inyuma yo gusohora urwo rutonde Emmerson Mngangagwa yamenyesheje ko abatazokwubahiriza ingingo zafashwe bazorengutswa imbere y’ubutungane.

Emmerson Mnangagwa akija ku butegetsi mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo umwaka wa 2017 yatanze amezi 3 ku bantu n’ibigo vyabikije amafaranga hanze y’igihugu bidakwirikije amategeko kuba bamaze kuyagarukana mu gihugu.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.