Zimbabwe: Uwakuye Robert Mugabe yinjiye mu mabanga y’ icegera c’umukuru w’igihugu

Yanditswe na IGIHE
Kuya 28 December 2017 saa 05:17
25260
0 0

Mu gihugu ca Zimbabwe, uwakuye ku butegetsi Perezida Robert Mugabe, yinjiye mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, aho yarahira kuruyu wa kane igenekerezo rya 28 Kigarama arikumwe na Kembo Mohadi uwahoze ari umushikiranganji w’umutekano.

Igenwa ry’ivyo vyegera vy’umukuru w’igihugu ryari ry’itezwe kumugwa mukuru Harare kuva aho Generari Chiwenga aviriye mu gisoda, akagenwa kuba icegera c’umukuru w’umugambwe.

JPEG - 39.8 kb
Constantino Chiwenga

Inyuma y’imyaka 15 ari umukuru w’igisirikare ca Zimbabwe, akaba n’umugenzi ashika wa perezida Emmerson Mnangagwa, yahisemwo gukura Robert Mugabe ku burongozi bwa Zimbabwe.

Igenwa ry’iwe ku kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu vyerekana ko igisirikare gifise inguvu nyishi muri reta nshasha ya Zimbabwe, kukaba nkakwo, Emmerson Mnangagwa akesha ubutegetsi igisirikare.

Abandi basoda bashizwe muri reta nka generare Perrance Shiri n’abandi batari bake


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha