Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ababuranira Bamvuginyumvira bagiye kwitura sentare mpuzamakungu
Ababuranira Bamvuginyumvira bagiye kwitura sentare mpuzamakungu
vendredi 3 Nzero 2014
Ababuranira Ferederiko Bamvuginyumvira bamenyesha ko bagiye kwitura sentare mpuzamakungu, mu gihe bavuga ko urwo rubanza rwagiyemwo imvo za poritike, bigatuma urubanza rw’uyo yahoze ari icegera c’umukuru ubu ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu agumizwa mu munyororo kandi icaha yagirizwa kidafashe nk’uko bimenyeshwa n’umwe mu bamuburanira Fabiyano Segatwa.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, umushingwamanza Segatwa avuga ko bagiye kwitura amasentare mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu, mu gihe bagiriza ubutungane bw’Uburundi guhonyanga amategeko mpuzamakungu igihugu cateyeko umukono, aho bigaragara ko amasentare adashaka gukurikiza amategeko mu urubanza rwa Bamvuginyumvira, bakaba biteguye kwitura izo sentare, zozo bizeye ko bazokwumvirizwa. Abandanya avuga ko batazorera amaboko, uwo baburanira ariko aravundira mw’ibuye, mu gihe uwari we wewse ariko araraba ingene yafashwe, uko atyozwa, ukwo bashira amasanamu yiwe ku buhinga ngurukana bumenyi, bigaragara neza ko urwo rubanza ari urwa poritike. Ivyakozwe rero mw’ihagarikwa rya Bamvuginyumvira bikaba biteye agahinda n’isoni, mu gihe yafashwe n’abantu atari inyamiramabi, abantu bajejwe kuraba ukwo amabarabara akuburwa mu gisagara ca Bujumbura, nk’uko uyo mushingwamanza abandanya abivuga. Sentare ntahinyuzwa nayo ikaba yafashe ingingo yo kumugumiza mu munyororo mu gihe ivuga ko, bataratohoza neza ivyo yagirizwa, eka ndetse bakavuga ko birimwo igipfungu.

Sentare ntahinyuzwa y’Uburundi, ikaba yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo Bamvuginyumvira, mu gihe ivyo yagirizwa bitaratomoka neza. Ivyo bikaba bitangaje nk’uko bivurwa n’umwe mu bamuburanira, mu gihe amenyesha ko gupfunga umuntu ibimwagira bitaratomoka neza, zari inzira za kera, ari naco gituma basaba ubutungane kwikubita agashi, Bamvuginyumvira akarekurwa, kuko abariko baragumiza uwo yahoza ari icegera c’umukuru w’igihugu mu Mpimba bariko barambika iceyi Uburundi, mu gihe abanyagihugu boguma barenganywa, bagaheza bakitura amasentare mpuzamakungu kuko bagaye izo baciriwe mu Burundi.

Umushingwamanza Segatwa rero, akaba asaba ubutungane gukurikiza amategeko, bakareka gukorera ku mabwire y’abantu, bareke poritike bakurikize urubanza, kuko wishinze amabwire y’uwaguhaye akazi, ukagondamika urubanza wisunze amabwire, uba uriko ukorera nabi abakwitura, abacamanza bagasabwa gukurikiza amategeko. Segatwa agira ati : ’’Umucamanza agira kumabwire y’abantu si umucamanza, ashaka yorondera akandi kazi. Abandanya asaba abacamanza kwigenga nk’uko vyanditswe mw’ibwirizwa nshingiro’’. Ahanura abo bose bagondamika imanza kwikebuka, kuko uciye nabi urubanza uyu munsi, ejo nawe barugucira. Uyu mwaka w’2014, akabipfuriza ndetse ko uyu mwaka wobabera mutagatifu, baheze bakore akazi kabo badahengamye.

Aristide Nizigire
Messages
3 Nzero 2014, 16:01, par mico
subwambere twumva muvuga gutyo ko manirumva yishe mukavuga gutyo vuyoba bigeze hehe ?ako nakarimi
3 Nzero 2014, 21:52
Ivyiwacu nakamuna ikizimyaka bataye bavuga karikurwanira ukwigenga uravye ugasanga hagicibwa izangondagonde ntahobitandukaniye nibihevyaheze niyihangane ukurikwama arukuri
4 Nzero 2014, 00:25, par Clay MONTA
None aho iyo sake bayihora iki ga yemwe, ko numvise umengo ntibifashe?
ni bayugururire yigire kwirira ibigori izindi zitarabiyimarana !!!!!
4 Nzero 2014, 07:09, par Mama
Ivyobazobikora wewentiwumva kobafise intumbero yokutabembereza iyo reta ngobashaka amakungu amenyeko atabutungane mu Burundi buhari! Jewe nashakabagende kukoharihovyishi twaritwarirorereyekuvuga kurabonyene bavugango ubutunganebwiburundi ntibukora kumbure twocatuboneraho akaryo kokubishirahabona. Ariko uwumutamawacu Bavuginyumvira siweyivugiye ngo abahe ibihumbi majana abiri bamureke nambatarugushaka kumumaramaza ngokandi ntaconobambaye ngokandinamwe ntacomwobamubaye? Nonekiryasico twitamukirundi igiturire?
4 Nzero 2014, 16:37, par Emery
Baramuhotera Nibamuhe Umwidegevyo Kuko Umengo Bifatiye Kuri Politike.
4 Nzero 2014, 19:22, par muhungu
Ayo ni amafaranga abavugisha basha. Mbega abarundi ba nyarucari bavundiye ku musaga batagira ikibavuganira ngo batahe bangana iki? Ko bobo mutabagira muri sentare zo hanze? Nkeswe uwo wewe nivyo yagirizwa mubizi ko ari ukuri canke atarikwo? Yaco muja kwimaramaza kuko Nyakwubahwa azoguma atahukana ubushimwe bwuko akora neza namwe mukanuye amaso ngaho.
5 Nzero 2014, 22:30, par NDAGIJIMANA Francois
Mugihugu c’uburundi hari abazozira ukuri nivyo bariy ivyo batunze bacishij mugucinyiza umunyagihugu... ariko bibukeko ubutungane igihe bwabonetse ko buzohana bose atawucaguwe kuko ubikiye ibanga umusuma uba uri umusuma nawe. nn ferederiko ariko azira iki? mbe icogiturire ntikigira uwaracakiriye? yakimuhaye bigenze gute? mbe ubu hariko habazwa bangahe? nibagezaho amarementanya nkayo ntaho azobageza atari kwikwegera umuvumo w’abarundi. ariko imana uburundi n’abarundi ntiyabwibagiwe iracabwibuka. ico nemeza nuko igiturire namba vyukuri bariko bashaka abakirya nibatangurire kugipolice cane cane abakora mumabarabara hama barekure inzira karengane bidegembye. nahubundi ngo urucira mukaso rugahitana nyoko. kandi rutwaye ababandi abawe rutabibagiwe. nijo mugitondo inkoko niyo ngoma.
8 Nzero 2014, 13:41, par gahungu
Nibamureke ntacariko arazira atari politique bamenye ko uyumusi ariwe ejo nabo bizobashikira gupfunga uwomutavuga rumwe siwo muti uwomutavuga rumwe uramwiyereza .bamvunginyumvira nawe niyihanga imana niwe mucamanza mukuru ntihengama iciziroranye ntagiturire irya izomurenganura.