Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ababuranira urwaruka rwa MSD basaba ko urubanza rwokwunguruzwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ababuranira urwaruka rwa MSD basaba ko urubanza rwokwunguruzwa

Ababuranira urwaruka rwa MSD basaba ko urubanza rwokwunguruzwa

mardi 23 Kigarama 2014

Ababuranira urwaruka rw’umugambwe MSD rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba basaba ko urwo rubanza rwohabwa irindi sango, kandi ntirusubire kuburanishirizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bagasaba ko n’umukuru w’intahe yotaramurwa kuko amaze kwerekana ko atigenga.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, umushingwamanza Armel Niyongere, umwe mu baburanira urwaruka rw’umugambwe MSD rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, amenyesha ko urwo rubanza ruriko rurajuragizwa, akabona ko rwahawe intumbero ya poritike. Umushingwamanza Armel Niyongere atangazwa n’ukubona gushika n’ubu batarahabwa dosiye y’urwo rubanza kugira barutegure, kandi badahengeshanya kuyisaba. Uwo mushingwamanza asaba ko urwo rubanza rwokwunguruzwa, kuko rudashobora kuburanishwa kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 29 Kigarama 2014, nk’uko bitegekanijwe, kandi batarahabwa iyo dosiye kugira bayige. Mw’ikete rya kabiri barungiye umukuru wa sentare isubiramwo imanza ikukira igisagara ca Bujumbura kuri uwu wa 18 Kigarama 2014, umushingwamanza Armel NIYONGERE ari kumwe n’abandi bashingwamanza bafasha urwo rwaruka rwa MSD kuburana basavye ko bohabwa iyo dosiye.

Mu gihe incuro zibiri zose urwo rubanza rwaburanishirijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, umushingwamanza Armel Niyongere asaba ko rwoshirwa muma sentare asanzwe abigenewe, ababishaka bose bakaza kwumviriza bitagoranye, kuko ari intahe y’icese.

Nk’uko umushingwamanza Armel Niyongere abandanya abishikiriza, umukuru w’intahe, Athanase Niyondagije yotaramuka kuko amaze kwerekana ko atigenga.


Egide Nduwimana

Messages

  • Abarundi ngo uruciramukaso rugatwara nyoko ntibabesha! Abosibobashaka ngobatembagaze reta ya Nkurunziza ngobacebongera babohe urwaruka rwitwa Imbonerakure!? Noneraba abobifuriza gushira muvyago sibabigiyemwo ahubwo nibovyahitanye!? Uruciramukaso rugatwaranyoko. Dusenga dukora dukora dusenga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.