IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga bo mu bihugu bihurikiye muri CEPGL bari mu nama i Bujumbura

Abahinga bo mu bihugu bihurikiye muri CEPGL bari mu nama i Bujumbura

lundi 6 Rusama 2013

Mu gisagara ca Bujumbura, muri Hotel Sun Safari hatangujwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 6 Rusama 2013 inama y’abahinga bo mu nama nshikiranganji zigize ibihugu bihurikiye muri CEPGL( Communauté Economique des Pays des Grands Lac) arivyo Burundi, Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo na Rwanda.

Muri iyo nama igira iya cumi na gatatu izomara imisi itatu, abo bahinga bazorabira hamwe ibibazo bihanze akarere mu vy’umutekano, ubutunzi, iterambere, ukubungabunga amahoro.

Nk’uko vyashikirijwe na Herman tuyaga, umunyamabanga mpuzabikorwa muri CEPGL, harategekanijwe ko bigira hamwe urutonde rw’ibikorwa, bongore batore integuro y’ihangiro rishasha.

Bateguye kandi guhanahana ivyiyumviro ku bikorwa vya EGL na IRAZ bisanzwe bikora ubushakashatsi n’ivyigwa bikorerwako n’ibihugu bihurikiye muri CEPGL.

Muri iyo nama, bazokwiga ku buryo bwohabwa EGL na IRAZ kugira ibikorwa vy’ubushakashatsi bikorwe ku gihe kandi bigirire akamaro ibihugu n’abanyagihugu bahurikiye muri CEPGL.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.