Accueil > Ukwemera > Abakristo > Abakaridinari bashasha bagiye gushirwaho na Papa Fransisiko
Abakaridinari bashasha bagiye gushirwaho na Papa Fransisiko
lundi 13 Nzero 2014
Umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yamenyesheje ko agiye gushiraho abakaridinari bashasha mu kwezi kuza kwa Ruhuhuma.
Abakaridinari basanzwe aribo bari hejuru mu buyobozi bwa Ekereziya Gatorika.
Nk’uko tubikesha BBC, muri abo bakaridinari bagiye gushirwaho, 19 muribo bazoba barimwo abo mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere nka Haiti, Cote d’ivoire na Burkina Faso, ivyo bikaba vyerekana intumbero yo kuba hafi y’abakene Papa Fransisiko yihaye.

Aba bakaridinari bagiye gushirwaho nibo ba mbere Papa Fransisiko azoba ashizeho kuva aho abereye Papa mu kwezi kwa gatatu kw’umwaka twaraye turangije.
Twobamenyesha ko muri abo bakaridinari, uretse batatu muribo bafise imyaka irenga 80, abandi bazoba bashobora gutora uwuzosubirira Papa Fransisiko umwanya niwagera.
Egide Nduwimana
Messages
13 Nzero 2014, 10:08, par Tollo
Yego papa mwungere mwiza ja uraba biriya bihugu bikenuye uze ubyiyegereza muje mubahako buriya iwabo bokira mwungere mwiza nda kwemera pe.urakerebutse rwose.