Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bahamagarirwa kudatinya ibikorwa bisa n’ivyari vyarahebewe (...)
Abakenyezi bahamagarirwa kudatinya ibikorwa bisa n’ivyari vyarahebewe abagabo gusa
vendredi 24 Nzero 2014
Amabarabara ariko arubakwa muri komine ya Nyakabiga na cane cane mu nyakabiga ya gatatu, abatari bake barashoboye kuharonka ubuzi na cane cane abakenyezi bava mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ndetse no mu ntara ya Bujumbura.
Mariya Surwavuba afise imyaka 25 arubatse akaba afise abana batatu. Avuga ko ubuzi bwahora busa n’ubwahariwe abagabo gusa, n’abakenyezi bajijutse, ubu bakaba babukora, kandi bakabukora neza, aha umupfasoni Surwavuba akavuga nk’ibijanye n’ugucanga umusenyi n’isima, guterura umusenyi, guterura amabuye kandi ivyo bakabikora amasaha angana n’ayabagabo.
Ibikorwa bigitangura, Mariya Surwavuba ari kumwe n’abandi bakenyezi bari kumwe mur’ivyo bikorwa vyo gukora amabarabara, babona ko bariko barata umwanya, kuko babona umengo ntavyo bazoshobora, ivyari gutuma baca birukanwa, na rirya bavuga ko batabona iyo boca baja. Ubu rero barashima cane ukw’akazi kagenda, bakavuga ko amafaranga bahembwa abafasha mu dukorwa two mu rugo, eka mbere akaba yuhirira umushingantahe wiwe mu kuriha inzu basanzwe babamwo muri komine ya kamenge.
Mariya Surwavuba akaba ahanura abandi bakenyezi nkawe, kuva mu bwoba barimwo, bakijukira ibikorwa bibaza ko vyoba vyahariwe abagabo, kuko n’abakenyezi babishoboye, ndetse bakabikora neza ku rugero rw’abagabo.
Aristide Nizigire
Messages
25 Nzero 2014, 22:05, par Majambere Alaexandre
Murarabe gusa ntimuhavure murengera abagabo kuko rimwe na rimwe nkiyo umugore na cane cane abo mu gihugu hagati iyo baronse amafaranga usanga bashaka guca baba ba serugo