IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenyezi bahamagarirwa kudatinya ibikorwa bisa n’ivyari vyarahebewe (...)

Abakenyezi bahamagarirwa kudatinya ibikorwa bisa n’ivyari vyarahebewe abagabo gusa

vendredi 24 Nzero 2014

Amabarabara ariko arubakwa muri komine ya Nyakabiga na cane cane mu nyakabiga ya gatatu, abatari bake barashoboye kuharonka ubuzi na cane cane abakenyezi bava mu makomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ndetse no mu ntara ya Bujumbura.

Mariya Surwavuba afise imyaka 25 arubatse akaba afise abana batatu. Avuga ko ubuzi bwahora busa n’ubwahariwe abagabo gusa, n’abakenyezi bajijutse, ubu bakaba babukora, kandi bakabukora neza, aha umupfasoni Surwavuba akavuga nk’ibijanye n’ugucanga umusenyi n’isima, guterura umusenyi, guterura amabuye kandi ivyo bakabikora amasaha angana n’ayabagabo.

Ibikorwa bigitangura, Mariya Surwavuba ari kumwe n’abandi bakenyezi bari kumwe mur’ivyo bikorwa vyo gukora amabarabara, babona ko bariko barata umwanya, kuko babona umengo ntavyo bazoshobora, ivyari gutuma baca birukanwa, na rirya bavuga ko batabona iyo boca baja. Ubu rero barashima cane ukw’akazi kagenda, bakavuga ko amafaranga bahembwa abafasha mu dukorwa two mu rugo, eka mbere akaba yuhirira umushingantahe wiwe mu kuriha inzu basanzwe babamwo muri komine ya kamenge.

Mariya Surwavuba akaba ahanura abandi bakenyezi nkawe, kuva mu bwoba barimwo, bakijukira ibikorwa bibaza ko vyoba vyahariwe abagabo, kuko n’abakenyezi babishoboye, ndetse bakabikora neza ku rugero rw’abagabo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.