IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bose barashitse, imyimenyerezo irabandanya : Amafoto

Abakinyi bose barashitse, imyimenyerezo irabandanya : Amafoto

mercredi 11 Munyonyo 2015, par egide

Abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi batumweko kugira bitegurire urukino ruzohuza Uburundi na RDC kuri uwu wa kane barashitse. Imyimenyerezo irabandanya, mu gihe Bigirimana Gael wa Newcastle United F.C. yitezwe ko ashika ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.

Abakinyi Papy Faty, Frederic Nsabiyumva, Tambwe Amissi hamwe na Fwadi Ndayisenga bari basigaye barashitse, bakaba bari mu myimenyerezo na bagenzi babo. Dugary NDABASHINZE yamenyesheje ko atashoboye kuza kuko atiteguriye urwo rukino. Imyimenyerezo irabandanya, urukino rukaba rwitezwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 12 Munyonyo 2015 igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Amatike y’ukwinjira kurorera urwo rukino azotangura kugurishwa mu gatondo ko kuri uwu wa kane umunsi w’urukino, ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, kuri Athenee Primaire, hamwe no kuri Commune Buyenzi.

Ibiciro vy’ukwinjira :

Ku nkengera z’ikibuga (Pourtour) : Amafaranga ibihumbi bitatu vy’amarundi (3000 Frs) Ubwugamo A - D : Amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi (10.000 Frs)
Ubwugamo B - C : Amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy’amarundi (20.000 Frs)
Ubwugamo bw’iteka : Hazokwinjira abafise ubutumire.

Amafoto y’imyimenyerezo


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.