IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amerika yafatiye ibihano abandi Barundi batatu

Amerika yafatiye ibihano abandi Barundi batatu

vendredi 3 Ruheshi 2016, par Jean De Dieu

Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano muvy’ubutunzi abandi barundi batatu.
Babiri ni abo mu nzego za gisirikare, uwugira gatatu ari mu barwanya Reta y’Uburundi.

Marius Ngendabanka, ari mu begereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba arongoye akarere ka mbere ka gisirikare. Yagirizwa kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo bihano vyafatiwe kandi Ignace Sibomana, wo mu nzego z’umutekano z’Uburundi, umwe mu ndongozi z’umuhari w’imbonerakure, urwaruka rukomoka ku mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi.
Nawe nyene muvyo yagirizwa harimwo kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abo bose bari bateye kubiri n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu mu gisagara ca Bujumbura.

Uwugira gatatu ni Edouard Nshimirimana, yahoze mu gisirikare c’Uburundi, Niwe arongoye umuhari FOREBU wafashe ibirwanisho kugira urwanye Reta y’Uburundi. Uwo muhari wagirizwa gukora ibitero ku makambi ya gisirikare i Bujumbura, mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2015.

Abo barundi uko ari batatu bafatiwe amatunga yabo bafitiye muri Amerika, ndetse n’amatunga yabo agenzurwa n’abanyamerika arahagaritswe. Abanyamerika barabujijwe kandi kugiranira igikorwa icarico cose n’abo bantu, mu bijanye n’ubutunzi.

JPEG - 37.7 ko
Adam Szubin, ayoboye ibiro vy’Amerika bigenzura ubutunzi bw’abanyamahanga.

IGIHE

Messages

  • Hasigaye Nkurunziza, umunsi nawe azafatigwa ibihano nibwo uburundi buzabona amahoro.

  • None amerika kuki iguma ifatira ibihano batobato gusa kuki idahera kuri nkurunziza kandi ariwe izingorane zose zavuyeko ikindi kuguma bavuga ngo barafashe ibihano jewe mbona atakintu kinini bifasha kuko ivyobinywamaraso birongowe na nkurunziza birimubanyagihugu kandi ivyobihano ntibabuza kubandanya bica abantu jewe icombona nuko america yorungika inteko zoza gukingira abanyagihugu noguta mumvuto abobicanyi nkibazako bamwe muribo nayomatungo avurwa atayo bigirira muri America ikindi jewe mbonako abafashe ibirwanisho kugira barwanire iteka ryabo atakamaro kokubafatira ibihano kuko umunyamafuti ni nkurunziza wewe yasuzuguye abarundi namakungu mukwihagira kungumvu ikiringo 3 kandi bitemewe na masezerano yarusha nibwirizwa shingiro none abarundi bariko baricwa na nkurunziza nibatitabara bazotabarwa nande ko mbona nya America birirwa baratwica yirorera

  • Hewe Kabango, Uburundi nibwo abarundi, nigorane bufise zizoronderwa umuti na Barundi bonyene nta munyahanga azovyijiranamwo adashaka kuhasinga agatwe.
    Urakubura wishinge ivyi igihugu cawe Urwanda murabe ingene ingorane c´urwanda namwebwe abanyarwanda mwozivamwo hakwishinga ivyi Burundi kuko n´igihugu gifise beneco.

  • Aboba Americain barasara!!!None ayomatungo yabobagabo ntiboca Bayafashisha Abanyagihugu bimererewe nabi?Erega Kuyafata Bingana kuyababikira kandi urumva abobabujije amahoro ntacovyobabibamariye

  • eka nubu sindavyumva kuko ntabonamw Sinduhije na Pacifike

  • Abonyereza nabo bakajije umurengo basabako bova muciswe ubumwe bwa Bulaya murivyishi bitumabashaka kubuvamwo ubunaho vyunyuwe nokuguma bubona hafatirwa ibihano uburundi birabubabaza cane, numungere mukuru wa kreziya yaba Anglicana arababazwa cane nifatirwa ryibihano ryakorewe uburundi.

  • Haha,birasubiriy?mbe abo bo ko batavugwa?zar inryanyi mur secret?nibaz barahana nakare ivyo bafitiy mur amerika ni ivyo bivye abarundi bagowe

  • WOBA MUNZEGO Z’UMUTEKANO HAMA UKAB’IMBONERAKURE?CANKE NUKO ARI ABAHUTU?AMERIKA UHENGAMIYE KUBATUTSI.

  • MBE WEWIYITA KAGABO NDAKUBAZE"MBEGA IGIHE MUTAMAYIGA AMASHURE WARURIHO CANKE MWARIGANYE"Tais-toi

  • abarundibakwiyekurabako.AbazungubabahendakukoivyoBirementanyaAbarundi.Batayeakarangakuburundi

  • at Kagabo, wobuzi inyuma yogufatira ibihano vyakarenganyo Ndadaye ivyakurikiye?
    Wobuzi inyuma yogufatira ibihano vyakarenganyo Habyarimana wu Rwanda ivyakurikiye?
    Wobuzi inyuma yogufatira ibihano Ghadafi waribiya ivyakurikiye? Nahandi ntavuze nka Sadamu Hussein wa Irac?

  • ABOBATWARE BA USA,BIRAGARAGARANEZA KO BAFISE AHO BAHENGAMIYE.MBE AMERIKA NIYO IGABA ISI?TUZIKUKIRA RYARI?

  • Abo bagumutsi twarabahinyuye,yaba iyo America ataco yubaha iguma ishaka gucanishamwo abahutu na batutsi kubera amabwire babwigwa nabo ba pacifique na bandi ntiriwe ndadondagura,bazotangara igihe ivyo basabiye abarundi bitabaye,kuko abarundi twaraciye ubwenge,ntagupfa gusimbira kuwo mudasangiye ubwoko ngu dutemagurane,kuko amase yakera ntagihoma urutaro.ico kwubaha,numukuru wigihugu wacu twitoreye.aha ntimuzokoreko,mudashaka guhona mwese.

  • abo bobo barababonera!ko batarayafatira buyoya na nkurunziza?

  • uwo wita umwansi wawe abuze amahoro ntuca uyaronka uwo wita umukunzi wawe ahimbawe nawe ntuca si iminsi yose uba uhimbawe.Yezu wenyene niwe atanga amahoro

  • uwo wita umwansi wawe abuze amahoro ntuca uyaronka uwo wita umukunzi wawe ahimbawe nawe ntuca si iminsi yose uba uhimbawe.Yezu wenyene niwe atanga amahoro

  • uwo wita umwansi wawe abuze amahoro ntuca uyaronka uwo wita umukunzi wawe ahimbawe nawe ntuca si iminsi yose uba uhimbawe.Yezu wenyene niwe atanga amahoro

  • Ubucumbiwe Umworo Buvugizwa Induru Mbega Buyoya Kobatamufatira Ibihano? Abashatse Gutembagaza Ubutegetsi Kataco Babavugako?

  • Ivyovyose Tubiragije Imana Niyo Izoza Kuducira Urubanza.

  • Mbega abo banyamerika bazogeza ryari gutobanga Africa? Tari ngira ndakubaze: NKURUNZIZA ubundi uramuzi? wari bwamubone k’umurango w’inzu yiwanyu ko numva wamwibasiye ngo niwe izo ngorane zose ziturukako? mbega kuki utavuga abashatse gutembagaza intwaro zitorewe n’abenegihugu! Tuje twubaha uburongozi kuko ntaburongozi butava ku MANA. Mbe wubaha Imana wewe? Ukaba uyubaha ubaha kandi usonere abo yashinze imirimo. kuki itashizeko weho? Nongere ndabasabe barundi Barundikazi, twoye guta umunwa tuvuga ayamuhe ngo Nyenecubahiro niwe akwega izi ngorane ahubwo dushimire Imana yo yamuduhaye kuko iyo atahaba igihugu c’uburundi ubu kiba gitwara na KAGAME na SEZIBERA wari Secrétaire Général wa EAC, ahubwo tumukomere amashi kandi twiyamiriye abo banyamerika bashaka gutobanga igihugu cacu. Imana ihezagire abarundi n’uburundi.

  • EMWENANKURUNZIYARIKWIYEIBIHANOCANGWEAKAJANWAIRAHE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.