IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu 52 nibo bishwe abandi 28 baburirwa irengero mu kwezi kw’umunani

Abantu 52 nibo bishwe abandi 28 baburirwa irengero mu kwezi kw’umunani

dimanche 4 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo c’ishirahamwe LIGUE ITEKA co mu kwezi kw’umunani kivuga ko abantu baharurwa mu 541 aribo bahagaritswe binyuranye n’amategeko, abaharurwa muri 52 baricwa, 31 barakomereka, abarenga 28 barahohotewe, mu gihe abandi 28 nyene baburiwe irengero.

Muri ico cegeranyo ku bugizi bwa nabi bwabaye mu kwezi kw’umunani, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, LIGUE ITEKA rimenyesha kandi ko hari n’ibiziga vy’abantu vyatowe mu nzuzi muri ukwo kwezi, ivyo navyo bikaba birenga 20 nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe.

Ishirahamwe LIGUE ITEKA ryagiriza bamwe mu bajejwe intwaro mu ntara zatowemwo ivyo biziga, ko baciye bihutira kubihambisha hatarakorwa imyidondoro yavyo.

Muri LIGUE ITEKA bakagiriza bamwe mu bakozi b’igendereza hamwe n’abaporisi, ko boba bari inyuma y’iryo nyuruzwa ry’abantu hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi.

Mu rukurikirane rw’abanyuruzwa, umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA ntawuzi irengero ryiwe kuva kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016, umuryango wiwe ukaba waramubuze mu busho bwose. N’igiporisi hamwe n’igendereza baramaze kumenyesha ko ataribo bafashe uwo mumenyeshamakuru.


IGIHE

Messages

  • None ko muvuga ivyo baba abishwe canke abanyurujwe vyagirizwa bande?ko abarwanya reta aribo babandanya kwica no kwiba babitumwe na ba pacifique ,vital,mbonimpa hamwe n’abazungu bifuza kutugira abaja ariko igitsure c’imana kiri kuribo impera n’imperuka uburundi bugiye kurenganurwa n’imana nkuko Nyakubahwa sebarundi NKURUNZIZA yabisavye mushobora vyose agaba isi n’ijuru

  • Mbe bwabundi niri shirahamwe rihigana na reta YU Burundi gayemwe!!!???
    Birambabaje ahobubahukiye bakavuga ko abobantubose babuze ngwa abajejwe intwa nabajejwe iperereza, ngonabamucungera polisi ngwabonibo babifisemwo uruhara!
    Nukuri nubwumuntu womwanka wogerageza kubihisha nagatoya,
    Jewe ndashaka kubashimira mumuco igituma abobantu bose babura abandinabo bagapfa, abandinabo bagapfungwa nabandi batorwa ibiziga munzuzi.
    Ukobimeze nukugukurikira:
    Kubanyuruzwa ukoze amatohoza utari muribamwe amafranga yabazungu yabatwaye umutima biyemeje kuyarya maze mukwambika ibara reta bakivayo, mpereye kubicwa kubapfa bishwe murikigihe tugezemwo bahitanwa navyishi: icambere hariho abantu bakomeje kubonako inzirabafashe yokwama babarondera ivyotukisha igihugu cabo kwatarinziza noneho bakabivwira nabandi bazi kobaribafatikanije noneho bigahurirana nukobamwe batarava kwizima noneho bakaca bavugako yitandukanije nabo nibobabo mwumva batabwa munzuzi abandi bakanyuruzwa kukobabibakorera babanje kubereka kobamenyeranye ariko nagomba kubagiriranabi.
    Harihabandi hasigaye babwirwa kujamwiyomirwi ikorera amabi abandibarundi bakiyankira bakanabashirira mumuco ko ibintubarimwo batabona kazoza kavyo nabobacabashirwa mubokunyuruzwa,kwicwa harimwo nogutabwa munzuzi.
    Hanyuma mumenye kohariho abandi bibereye kugikorwa coguharanira komuburundi amakungu yumvako igitigiri cabapfa cobacishi ngobarabeko yozana babasirikare mpuzamakungu kunguvu aborero mwumva bashaka abasirikare mpuzamakungu bozamuburundi nibobazigaye bafise uruhara rukomeye mukwica nokwicisha abarundi ngobarabe kobirungikwa kunguvu.
    Kubafatwa bagafunga ninzego zibifitiye uburenganzira bivana nivyovyose twababwiye kubera harabafatwa bakacabavuga ivyobigeze gukora cankebakoreshejwe mbere bakavugako abeshi bashatse kubiheba ivyokurementanya bacabashirwa mubazogirirwa nabi.
    RIGI ITEKA irambabaje kuba itacishijemwo akajambo nakamwe kavuga kubasi bareta YU Burundi komubaburirwa irengero babifisemwo uruhare mbere rukomeye kubera bibaza kovyobafasha kuronka ONU ikabafasha guhasha iyireta iriho mu Burundi . rigue ITEKA urambabaje.

  • Emwe Amaraso Y’abantu Agumaseseka Abazagira Ariko Igiposi Kimar’abantu Hanyuma Ngo Sibo Jean Bigirimana Nibo Bamutwaye Sha Birababaje

  • League iteka:ligue mujeri sindumuja

  • Ibi vyose ababigira birazwi ni API na CNDD FDD,bitebe bitebuke muri Court Pénale internationale muzobibazwa

  • Muzoharura muruhe kuko intumva ninyinshi muburundi

  • Muzoharura muruhe kuko intumva ninyinshi muburundi

  • Muzoharura muruhe kuko intumva ninyinshi muburundi

  • Emw Mubrund Ibhaber Biratey Intunt N’umubabro Umunt Asigay Artwa N’ink Ipfuy Bagra Amathoz?Emw Hargez K’uhorah Agra Ico Akra Kweri!

  • League Boko Haramu iteka. Ni intagondwa gusa gusa (inyangaburundi-sindumuja-mujeri)

  • Ni kimwe muri bibiri
    Ni yaba igipolisi canke snr atarivyo vyagandaguye jean bigirimana n,’ukuvuga yuka batagishobora kwubahiriza umutekano mu Burundi. Ni babise abandi lero babishoboye.

  • Muraguma mubashuhurira kurisongoy mubabwira ko muzi guharura.mbega mwibaza ko mukiri mumabarabara muturira abantu nibintu? tesha mute ingata itara ntija kumugez bandanya mubashora mugwiz ibitabo vyukwandikamwo ibitigiri. twomenya gut katari mwebw mubiyicira kugira muryoze leta ihari nabugingo tuzi ko murinda bugabura. bati iminwe uzi ntikumarira amaz.

  • ntawufise ico abivugako kiretse Imana.

  • Nubwo ndi inyenzi iyi league ntabwo ivugisha ukuri. Ningombwa kobene wacu bashutswe none ubu bakaba bafashweho ingwate nu Rwanda i Mahama bataha iwabo kuko hari amahoro

  • Mbona.Komuburundi.Dukwiye.Kwibagira.Akahise.Tukabandanya.Ibikogwa

  • Uburundi bukwiriye ingabo za UN zikwiye kuza gukingira abaturage kko Leta yananiwe inshingano zayo zo kuzana ituze numutekano ariko birasaba ingabo zitajenjeka nki zu Rwanda ubu zagarukanye amahoro Sudan Centre africa nahandi naho ubundi amahanga nadahaguruka abantu barashize I Burundi kubera aho igihugu kigeze cyaramunzwe namoko aho gukora mwirirwa mu moko no kunywa byeri.

  • LIGUE ITEKA NTIKIBAHO.ABO NABANGUSHI BAVYANDIKA

  • vyosebizokurwah ningomaya Messiya Kand Irimukz Maz Burimuntu Wese Ahinyuk Murindr Gat Tugz Kwisah Yanyuma Kugrng Cristo Agarukn Ubwami Bwe Uwomunsi Uzab Uteye Umnezr

  • Ibyo LEAGUE ITEKA ivuga nibyo ibwirwa ni INKORAMARASO KAGAME umutezi wagafuni. kubera uwo muginga yishe benshi aba ajijisha amahanga atangaza ibihuha

  • Ehh iyi league iteka isigaye iri fantôme. Wasanga ikorera i Mahama mumufuka w’impungure. Ibyo bavuga ni itekinika ry’ibinyoma

  • Harabant badatahur messiy uwariwe!mwibaz aramuts aje kwazoz iburund?mwigir ngo mziguseng senge turab kuyo mukozi wa kiranga yovakubutegets.nayivy Yezu hebere abisirayeri yaje kuyobora atar abarund na banyarwanda.

  • Harabant badatahur messiy uwariwe!mwibaz aramuts aje kwazoz iburund?mwigir ngo mziguseng senge turab kuyo mukozi wa kiranga yovakubutegets.nayivy Yezu hebere abisirayeri yaje kuyobora atar abarund na banyarwanda.

  • Mesiya azozashikira hehe wew wigize umunyabwenge.Si mu Burundi?Nihehe none weho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.