Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu batandatu batawe muri yompi bakekwako ibitero vy’i Bruxelles
Abantu batandatu batawe muri yompi bakekwako ibitero vy’i Bruxelles
samedi 26 Ntwarante 2016, par
Igiporisi c’Ububirigi cafashe abantu batandatu bakekwa kugira uruhara mu bitero vyabereye mu gisagara ca Bruxelles, akaba ari mu rukurikirane rw’amatohoza akibandanya ku bitero vyo kuwa kabiri vyahitanye abantu 31. Abo bantu bose bakaba bafatiwe mu karere ka Schaerbeek.
Abo bantu bafatiwe mu karere ka Schaerbeek, bahagaritswe ku musi wa kane, bakaba bafatiwe mw’isakwa ry’ibirwanisho ryabaye inzu ku yindi muri ako karere.
Ababa muri ako karere babwiye BBC ko bumvise ibintu biturika igihe hariko haraba iryo sakwa ry’igiporisi, ariko ko icabiteye kitamenyekanye.

Igiporisi ntikirashira ahabona amazina yabo bafashwe, canke ko boba baragize uruhara muri ivyo bitero, nk’uko tubikesha BBC.
Ivyo bitero vyabereye mu gisagara ca Bruxelles bifitaniye isano n’ibitero vy’iParis vyo mu kwezi kwa cumi na rimwe mu mwaka uheze, aho mukibuka ko umugwi wiyita Islamic State (IS) wemanze ivyo bitero bibiri.
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2016, 21:50, par rwasa eric
kobavuga ngo leta yuburundi niganire nabicanyi bamakudeta bobo ntiboganira na islamic sted muzi gukandamiza afrika oya twarabahinyuye