Abantu batanu bishwe muri zone ya Cibitoke

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 9 décembre 2015 saa 03:58
Yasomwe : 125010
0 0

Abantu batanu bitavye Imana bishwe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Kigarama 2015,kw’ibarabara rya 15 muri zone ya Cibitoke,iri muri Komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Amakuru ava mu banyagihugu baba aho muri zone ya Cibitoke amenyesha ko vyose vyabaye nk’igihe c’isaha zine mu gatondo.
Abanyagihugu baba aho mu Cibitoke bavuze kandi ko haje imodoka irimwo abapolisi binjira mu rupangu bavuga ngo barondera aba ’’jeunes’’ n’ukuvuga abakiri bato bari bahejeje (...)

Abantu batanu bitavye Imana bishwe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Kigarama 2015,kw’ibarabara rya 15 muri zone ya Cibitoke,iri muri Komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava mu banyagihugu baba aho muri zone ya Cibitoke amenyesha ko vyose vyabaye nk’igihe c’isaha zine mu gatondo.

Abanyagihugu baba aho mu Cibitoke bavuze kandi ko haje imodoka irimwo abapolisi binjira mu rupangu bavuga ngo barondera aba ’’jeunes’’ n’ukuvuga abakiri bato bari bahejeje kubatera ama grenades.

Umuvugizi w’igipilisi Pierre Nkurikiye yavuze ko abo bantu bishwe igihe abapolisi basubiza abantu bari bahejeje kubatera ama grenade yakomerekeje babiri muri boa ho muri zone ya Cibitoke.

Mwomenya ibindi biziga bibiri vyatowe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 12 Kigarama 2015 hafi y’ahakorera ibiro vy’igisagara ca Bujumbura.


Kumenyekanisha

1
mabanga 16-12-2015 à 10:19

ntakundi

2
Kaseja 12-12-2015 à 09:43

Imana Izobabaza Abo Bantu Bayo Mugumamwica.

3
Ntunzwenimana Chaban 12-12-2015 à 04:35

Nukur Ighugu Cubrund Nighugu Kirimwo Incabweng Kuk Travy Ibiriko Biraba Bifis Inkomoko Rer Bans Kugra Ingrekuyind !Nahubund Iyobamera Nkabaraho Ighugu Cotakaye Ndavga Simvura Mumbabrir Mbwiruwumva Numwan Wumuhutu Muze Dusengre Ighugu Gikomez Kuronk Imbraga Zukwihana.

4
Mpozamarira Erias 12-12-2015 à 04:34

Nukuri icogiporisi caramaze guhumana ntikikiri giporisi cogucungera umutekano,jewe sigaye ndabita bumujeri bwokurya bantu, kobariko barabesha rwabobantu babishe bivuna bariko babatera amagerenade, bogutera gerenade uri mumodoka hakaburamwo nacumi barimuriyo bapfa ? ubwonububeshi bwambaye ubusa.uwo niwa mugambi wo kumara urwaruka rwomugisagara wateguwe !!! umwicanyi umusanze ahabaye nirazima yivune, kobabasanze munzu babasanganye inkoho zingahe ? canke gerenade zarizisigaye kuzo bari babateye ? mbega bari bafise iyimwe bavuga bari bahejeje kubatera ? nawe ngaho wohashira kabaza nawe. abobana ninama bagiriwe nizonkozi zibibi, umusumwe bazobibazwa.

5
niyigaba elie 11-12-2015 à 21:31

Manatacra Uburundi Bugeze Ahanyerera

6
niyigaba elie 11-12-2015 à 21:29

Manatacra Uburundi Bugeze Ahanyerera

7
Niyigaba Elie 11-12-2015 à 21:21

Mana Garukira Isi Kuko Yuzuyeko Amabi Atavurwa Uzobukoze Vyose Niwewe Ubishoboye

8
hatunga 11-12-2015 à 15:33

Abo abapfuye bazrako ari abakoze imyiyerekano bone ubu hatanguye kuboneka inkurikizi .PSM@

9
Ntakirutimana Amos 11-12-2015 à 14:31

amaraso nikintu gikomeye.uwicisha inkoho nawenyene bizogendatyo.ndababara nibintu biriko birakoreka muriki gihe.ukwica umuntu umenga nibisanzwe.nimukebuke twubake iki gihugu cacu camavukiro.murakoze

10
Terence 10-12-2015 à 23:59

Bagumy mugitanda bobasangayo ? Nibababis Ngirngo n,IMANA yabatumy

11
Mugamba 10-12-2015 à 23:39

Nuko Nyangoma Abarungikira Urumogi Gwinshi Ngibintu Bizohinduka Kandi Politike Yaramwinyegeje Nareke Kubashuka.Iyo Njebajevyi Umuhari Bawumwatse Gt ?Mugabo Nimudusuke Kwinda Tuzimene Mutera Grenade Tugahinyuriramwo Shaa !

12
Jiji 10-12-2015 à 21:57

Mana Tabara Uburundi Kuko Ivyabwo Vyananiranye.

13
Jiji 10-12-2015 à 21:56

Mana Tabara Uburundi Kuko Ivyabwo Vyananiranye.

14
Anje, 10-12-2015 à 20:57

Yew,barekebabandanye,Imana,irabibona,ntawuzoburimpembo,yivyoyakoze,uwicishinkota,azicwanayo,

15
NZIKORURIHO 10-12-2015 à 15:58

cnared nireke kumarisha abeneburundi

16
BIZOZA 10-12-2015 à 15:04

NIMWIC ABANA BIMANA ARK NAMW IMBR YAYO 1GUS MUZAVYISHUR KUK UGUHOR NUKWIMAN KAND IHOR IHOZ

17
Ziriko 10-12-2015 à 14:21

Ninde Ataziyuko inzuki ziryana ? uzikomye zirakwereka. kandi urwishigishiye ararunwa.

18
Ikiziga Bikomagu 10-12-2015 à 13:51

Aba barikwicwa na bene wabo ba Sindumuja.Ijuru ni tayari

19
ndayizeye abdul 10-12-2015 à 13:01

Mana we !tabara abarundi nu Burundi kuko tugenze ahabi jewe siniyumvira ukuntu umuntu wo kwica umuntu kdi nawe wambaye ubuzima nonese iyo umuntu abigize wunguka iki ?hama wewe uziko utari umugenzi kurino isi ?sha amosonzi ya bavyeyi bahekurwa buri munsu mbe uyo nkurumbi ntiyavyaye ?barundi barundikazi ni dukundane tureke gukora amaraso kuko twese ivyo tukoranga kwisi turavyishula jewe ndagira inama kubarundi bose aho bava bakaja duvafane mumungongo kdi nti tucike ingufu turi murugendo ariko tuzashika kdi Imana irikumwe natwe

20
Deo Ndikumana 10-12-2015 à 11:12

Noneyemwe tuzogarukirah Nibaduheamahoro Noneimana yamvuzemungiriranireamahoronabantubose Nobabirezejekontibasenganibikebukebarekebenewabo

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha